Ingabo za l’ONU zagiye kubungabunga Amahoro n’umutekano MONUSCO, muri Repubulika ya Demokaraso ya Congo , byumwihariko muri Kivu y’Amajaruguru, bari muri Territoire ya Sake, ngo bavuye ku birindiro barimwo muri Kimoka kubera ubuhinga n’ubushishozi bwa gisirikare.
Mwomenya ko izo ngabo zari zagiye murivyo bice gukora ibitero kuri M23 bafatanije na FARDC muco bise “”opération springbok “”
Kuruno wakabiri itarike 09/04/2024 , umuvugizi w’Intara ya Kivu y’Amajaruguru yavuze ko izo ngabo zitavuye ku birindiro barimwo, kugira babisigire umwansi, ,ati: “ahubwo babivuyemwo ku buryo bwimikorere ya gisirikare bise (replie tactique militaire).
Lieutenant colonel Guillaume Ndikije Kaiko, akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye Radio Okapi, kugira abeshuze ibihuha bimaze iminsi bikwirakwizwa kumbuga ngurukanabumenyi, zivuga ko abasirikare ba l’ONU bari bagiye gufasha abasirikare ba Congo FARDC kugwanya inyeshamba za M23, boba bataye ibirindiro bariko babihebeye M23..
Uwo muvugizi ashimangira avuga ko izo ngabo za ONU, zavuye kuri ivyo birindiro zarimwo, bavyumvikanye ko n’ingabo za FARDC, kugira bitegurire neza ibitero bagiye kugira kuri M23 bafatanije.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com