Mu Burundi hamaze igihe cindwi zirenga zitatu (trois semaines) hibonekeza ikena rikabije ry’igitoro mu gihugu cose.
Ivyo navyo bigatuma ubuzima bw’abarundi bukomeza kuba nabi kuko ibiciro vy’ibintu nka vyose bica biduga kurugero rukabije.
Akarorero nako mu gisagara ca Bujumbura aho abaja mukazi mugatondo bakoresheje imodoka zitwara abantu muri rusangi, basigaye bahura nibibazo bikomeye, kuko izo modoka zisa nizitakiboneka ngo zibunguruze, kumpamvu zuko zibura igitoro (essence).
- Kwamamaza -
Ubu benshi baja kukazi namaguru, bagashikayo bakerewe, bigatuma bama mubibazo hagati yabo nabakoresha, kuko bacererwa mukazi, nayo abafise amagara make, canke bageze muzabukuru usanga basivye kuja kumirimo bajejwe ya minsi yose.
Ikindi nuko n’iyo haramutse habonetse imodoka zitwara abantu,zica ziduza ibiciro bimwe bikabije kuko nko kuva mu gisagara ca Bujumbura werekeza mu ntara ya Rumonge, itike yahora ari ibihumbi 6500fb ubu igeze kuri 10.000fb.
Eka nibiciro vy’ibifungurwa navyo vyaduze ibiciro,aho ikiro cibirayi cahora kuri 1500fb ubu kigeze kuri 2400fb,ikiro cibiharage cahora kuri 3400fb ubu kigeze kuri 4300fb, nayo umufuko wamakara wahora kubihumbi 80.000fb ubu ugeze kuri 140.000fb.
- Kwamamaza -
Abarundi bagatangazwa nuko président Evariste ndayishimiye yirirwa aririmba akoresheje imvugo yagashinyaguro,akindaga abarundi ngo “U Burundi n’igihugu gitunze,kigiye gufasha ibindi bihugu, abarundi bafise iterambere ry’ihuse eka ngo abarundi bafise umunezero udasanzwe ” kandi mu Burundi harangwa ubukene bw’igitoro,ntamuyangankuba, nta mazi, ntama barabara meza akiharangwa, ibintu vyose vyaduze ibiciro eka mubarundi benshi inzara ivuza ubuhuha mu miryango.
Abanyagihugu bakaba basaba umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste ndayishimiye nakagwi bakorana ko bohagarika imvugo nkizo ahubwo bakagarukira igihugu c’Uburundi n’abarundi kuko bagitaye mumanga bimwe bidasanzwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com