Perezida Evariste NDAYISHIMIYE n’umukenyezi wiwe Angelina bagirizwa gusesagura itunga ry’igihugu mukugira ingendo nyinshi mu mahanga.
Nk’uko bishirwa ahabona n’abamwe mu bakurikiranira hafi ubutegetsi bwa Evariste NDAYISHIMIYE, mu mezi atatu aheze, Evariste na Angelina bamaze ukwezi n’indwi zitatu mu ngendo hanze y’igihugu.
Hagati y’igenekerezo rya 8/6/2023 n’irya 17/9/2023, Perezida Ndayishimiye azoba amaze gukora ingendo 9 mu bihugu 11. Mu kiringo c’imisi 100, azoba amaze kumara imisi 34 mu mahanga. Ni ukuvuga ukwezi kurenga mu mezi atatu.
- Kwamamaza -
Muri ico kiringo nyene, umupfasoni Angelina Ndayishimiye azoba amaze kugira ingendo 7 mu bihugu 7. Mu kiringo c’imisi 100, Angelina azoba amaze imisi 41 mu mahanga. Ni ukuvuga ukwezi n’imisi 10. Ingendo zitatu muri izo indwi yazikoze aherekeje Umukuru w’Igihugu.
Umuntu ateranije iyo misi yose, akihoza aho Angeline Ndayishimiye yagiye aherekeje umugabo, asanga umukuru w’igihugu n’umupfasoni wiwe bakoze ingendo 13 mu misi 100, bongera bamara hanze imisi 58 mu misi ijana. Ni ukuvuga ko umwanya baba hanze usumba uwo baba mu Burundi.
Hamwe bibandanije gutyo, mu mwaka wa 2023-2024, Prezida Ndayishimiye azomara hanze amezi ane n’igice mu mezi 12 agize umwaka. Angelina Ndayishimiye nawe azoca amara amezi atanu n’igice muri ico kiringo nyene. Bateranije imyanya bamara hanze, umwaka uzohera bamaze hanze amezi 7 kuri 12 mu ngendo 42.
- Kwamamaza -
Mu mafaranga Leta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’ikori wa 2023-2024, amafaranga y’ingendo z’umukuru w’igihugu yarwijwe kabiri. Yavuye ku miliyoni amajana umunani (800.000.000Fbu) ashirwa ku muliyaridi n’imiliyoni amajana indwi (1.700.000.000Fbu). Léonidas Hatungimana yahoze avugira Prezida Nkurunziza amenyesha ko kurwiza ingendo gutyo bisigura ko umukuru w’igihugu n’umukenyezi wiwe bipfuza kurwiza rwose amafaranga bahabwa ava mu ngendo (frais de missions) kubera basanzwe bandikiwe amafaranga bahabwa kuri buri rugendo bakoze hanze.
Nayo kubwa Reverien NDIKURUYO umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD agira ati: “kwama mu ndege bimaze iki mu gihe ataco uzanira igihugu ?”
Aha rero abatari bake bakibaza Ingendo nk’izo zose ico zinjiriza igihugu gisanzwe gikenye cane nk’Uburundi ?
Freddy NKURUNZIZA