Abayobozi b’ibigo vyamashure mato mato n’ayisumbuye mu Burundi bategetswe n’umugambwe Cndd Fdd gutanga interarano yawo buri kwezi.
Ivyo bikaba vyavugiwe munama bagirishijwe bose kumunsi wakabiri igenekerezo rya 27/02/2024. Iyo nama ikaba yabereye kungoro nkuru y’umugambwe cnddfdd iri muri zone ngagara mu gisagara ca Bujumbura.
Ikaba yari yatumiwemwo abayobozi bamashure bose nabayobozi b’indero muma komine no muntara. Abo bayobozi bavuga bati tukironka ubutumire twari tuzi ko tugiye kwiga no kunonosora igisata tujejwe kijanye n’uburezi bw’urwaruka bugeze habi hamwe nutuntu nutundi.
- Kwamamaza -
Ariko batangajwe nukumva bategetswe kwama bashira amafaranga atari munsi yibihumbi cumi buri kwezi kuri compte yumugambwe Cndd Fdd.
Bakaba babwiwe ko bazobamenyesha vuba uko iyo ntererano izokwama itangwa, n’igitigiri c’ayo buri muyobozi ategerezwa gutanga,
Ivyo navyo bikaba bizokurikiranwa n’abayobozi b’indero muma komine yose yigihugu c’u Burundi, guhera itarike 01/03/2024.
- Kwamamaza -
Uwo wese azohirahira ntabishire mungiro,ngo azoca afatwa nk’igipinga,mujeri, umwansi w’igihugu, bazoca bamukorerako,akurwe mukazi, afatwe atotezwe canke yicwe.
Abo bayobozi b’ibigo vyamashure ya leta y’uburundi batashe bumiwe, batagira ico bavuga, bihweje ivyavugiwe muriyo nama, kuko ngo ryari iterabwoba gusa.
Mukamenya ko mugihugu cose, abayobozi bamashure hamwe n’abigisha bategetswe numugambwe cnddfdd kwama bagira inama yuwo mugambwe buri wagatandatu inyuma y’ibikorwa Rusangi. Iyo nama ikaba yari ihagarikiwe n’umuvugizi w’umugambwe Cndd Fdd Munezero Doriane.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com