Umunyarwanda aba mu Burundi karitsiye Karuma intara ya Cibitoke yitwa NTWARI Justin, yarahagaritswe n’abapolisi batanu, barongowe na komiseri wa komine ku munsi wakane, igenekerezo rya 01/02/2024, ubu akaba afungiwe mu gasho k’intara ya Cibitoke.
NTWARI Justin, akaba amaze imyaka irenga mirongibiri (20ans) aba i Burundi, kandi akaba yubakanye n’umurundikazi.
Imirimo yiwe ya minsi yose, akaba yari umucuruzi kw’isoko nkuru iri ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke.
Biravugwa ko imbere yuko afatwa, bari bamaze iminsi, bakurikirana ingendo ziwe, mbere ngo bagerageje no kumunyuruza ngo aburirwe irengero, ariko ntivyabakundira.
Yarasanzwe amaze iminsi afitaniye ikibazo nuwitwa Justin Ntacombaye, yagomba kumunyuruza ikibanza ciwe muriyo soko.
Nawe akaba yari yaragejeje ikibazo ciwe, ku barongozi b’isoko, kwa musitanteri, eka no kwa komiseri wa komine, kugira bamutunganirize.
Ariko nta mahirwe yo kumvirizwa yagize, ngo bakemure ikibazo ciwe.
Ahubwo komiseri kominale, komiseri w’intara Jacques nijimbere bafatanije na Justin Ntacombaye, baciye bamukorera inkono ushushe, bamugirira irementanya ridasanzwe,babona kumufunga.
Bitwaje ifungwa ry’imipaka ihuza Uburundi n’u RWANDA, nibibazo bijanye, baca batangura kumwagiriza ko ari maneko kandi akorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara,be n’u RWANDA.
Abo bakorana mw’isoko, ababanyi biwe, baramutabariza ngo ntagirirwe nabi, kuko yabana neza n’abandi Barundi, kandi atacaha nakimwe afise uretse ako karenganyo ariko akorerwa na Justin Ntacombaye.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com