Umushikiranganji w’intwaro mugihugu hagati kumusi wa kane niho yamenyesha umuvugabutumwa Mignonne KABERA ko ikoraniro mpuzamakungu ry’abakenyezi b’aba Kirisu yategekanya kugirisha ritakibaye.Umushikiranganji Martin Niteretse akaba yasiguye ko iryo koraniro ryotwara uburyo bwinshi
Ikoraniro mpuzamakungu ry’abakenyezi b’aba kirisu « Connect Africa Conference 2023 », ryatunganijwe n’ishirahamwe ry’umuvugabutumwa Apôtre Mignonne KABERA aturuka mu Rwanda. Bikaba vyari bitegekanijwe ko ritangura kw’igenekerezo rya 15 gushika kw’igenekerezo rya 17 uku kwezi kw’icenda turimwo, mugisagara ca Bujumbura. Rikaba kandi ari ikoraniro ryokwakiriye abakenyezi barenga ibihumbi 4 baturutse mumihingo yose y’isi.
Mw’ikete umushiiranganji w’intwaro mugihugu hagati n’umutekano yarungikiye abatunganije iryo koraniro mpuzamakungu ry’abakenyezi, yabagirije ko baciye bavyungukiramwo mukwegeranya uburyo bwinshi.
Muvy’ukuri ariko, kuberako umuvugabutumwa Mignonne KABERA yoremesheje iryo koraniro mumisi itatu, asanzwe ari umuntu akunzwe kandi akurikiranwa n’abantu benshi cane mu Burundi no mu Rwanda, ndetse n’abaturuka muri ivyo bihugu uko ari bibiri baba mubihugu vya buraya n’ahandi Kw’isi, imbere yuko ashika i Bujumbura kumusi wa kane, abari bateguye iryo koraniro bari baterereje ababishoboye bose mumihingo itandukanye, kugirango ico gikorwa kizogende neza.
Hakaba rero hari hugurwe ama comptes abiri, iyo mumafaranga y’agaciro n’iyo mumafaranga y’amarundi. Abantu benshi rero mu Burundi, mu Rwanda no muza Buraya baratanze amafaranga menshi cane kuri ayo ma comptes.
Ayo mafaranga y’umurengera akaba ariyo yoba yatumye abategetsi b’Uburundi basivya iryo koraniro, mugihe umushikirangaji w’intwaro mugihugu hagati mugihugu Martin Niteretse yabanje gutegeka ko bamwereka amafaranga ari kuri ayo makonte yagenewe iryo koraniro, nkuko abaritunganije babimenyesha.
“Abategetsi bategerezwa kuba bafise ingorane. Ni gute ushobora gusivya igikorwa nk’ico mugihugu gikeneye amafaranga y’agaciro n’abakigendera mugihe ico gikorwa gikoranya abantu benshi. Vyongeye biha ishusho nziza Uburundi. Nko mu misi yahera umutambukanyi w’Uukuru w’igihugu c’Urwanda yaritabiriyo ikoraniro nkiryo I kigari”, uko niko umwe mubarundikazi bari hanze yabineguye.
“Mukwezi kwa 8, abakenyezi bashika ibihumbi 5 bavuye mumihingo yose y’isi bari bahuriye i Kigari umurwa mukuru w’Urwanda mugikorwa nk’ico. Jeannette KAGAME umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Urwanda yari yitabiriye iryo koraniro aho imitima itari mike yasanasanywe”, bivurwa n’umwe mubarongoye rimwe mumashirahamwe y’abakenyezi b’aba kirisu mubihugu vy’ibiyaga binini.
Freddy Nkurunziza