Ihinguriro ry’amazi ‘’KINJU’’ryadutsemwo umuriro.
Ihinguriro ry’amazi ‘’KINJU’’rikorera muri karitiye Asiatique muri komine MUKAZA mugisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere ryaradutsemwo umuriro wononye ibitari bike mubikoresho vy’iryo shirahamwe. Abakora muri iryo hinguriro bavugako uyo muriro wazananye mububiko bw’imiti : “ Umuriro wadukanye ahabikwa acide uraheza urarandagata gushika mububiko bw’amazi yamaze guhingurwa hasigaye ko acuruzwa”
Abanyagihugu bagatangazwa n’ingene abajejwe intwaro n’abajewe gukinga impanuka mugipolisi bama bihutira gushikiriza ko iyo miriro ituruka kumasanganya kandi atamatohoza arakorwa. Ivyo bikabatera amakenga na cxane cane ko iyo miriro yaduka kenshi mubibanza vy’ubudandaji: “Ni kuberiki igipolisi cama cihutira kuvuga ko ari umuriro waturutse kumuyagankuba kandi atamatohoza yakozwe.”
Aha abanyagihugu bakaba batunga urutoke Reta ko ibifisemwo uruhara: ” Abadomeka uyo muriro twibazako batumwa n’inzego za Reta kumvo za politike tutazi.”
Mukiringo kitarenga indwi zibiriri hakaba haheruka kwaduka uyundi muriro wahitanye ibitari bike mumazu y’ubucuruzi hagati mugisagara ca Bujumbura, mumicungararo yahahoze isoko nkuru ya nayo nyene yatikijwe n’umuriro haraheze imyaka cumi.