Imyimenyerezo ya gisirikare yoba ihabwa Imbonerakure muntumbero iyihe?
Abanyagihugu bo muri komine KAYOGORO intara ya MAKAMBA mubumanuko bw’uburundi baratekewe n’ubwoba kubera imyimenyerezo ya gisirikare iriko igirwa n’abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu mazone atandukanye agize iyo komine.
Imyimenyerezo itangura hagati y’isaha icenda n’isaha cumi z’ubuca, imbonerakure zitwaje inkoni n’amahiri.
Nkuko amakuru ava mubanyagihugu bo mu Kayogoro abivuga, umunyamabanga w’umugambwe
CNDD-FDD muri komine ni we ajejwe gutunganya iyo myimenyerezo, avuga ko ariyo kwitegurira umusi mukuru wahariwe Imbonerakure.
Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bobo bakavuga ko ari nyabuna ibikorwa vyo kubatera ubwoba mugihe hategekanijwe urusasuma ruzokorwa hisunzwe aho abantu begamiye mu vya politike.
Ayo makuru nyene amaenyesha ko iyo myimenyerezo ikomeye cane muri Zone Bigina ahavuka umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Révérien Ndikuriyo.
Nkurunziza Freddy