Bamwe mu bashingamateka bo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD basavye ko ibihano vyafatiwe uwo mugambwe bifutwa kugira ngo uyo mugambwe ukore wisanzuye.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, abo bashingamateka uko ari 20, bashigikiye umukuru wa CNL, Agathon Rwasa, bavuga yuko bababajwe no kubona umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atabasubiza ku makete bamwandikira bamusaba kureka umugambwe wabo ukabandanya gukora ukuri kwamye.
Hakaba ari inyuma yahoo ubwo bushikiranganji bufatiye ingingo yo guhagarika ibikorwa vyuyo mugambwe. Ico gihe ubwo bushikiranganji bwasigura ko uyo mugambwe urimwo indyane no kutumvikana mubanywanyi bawo.
Ico kiganiro cabo bashingamateka n’abamenyeshamakuru ariko kikaba cari cabanje kuburabuzwa n’igipolisi.
Nkurunziza Freddy