Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putine, kuri uyu wa kane, yemereye abakuru b’ibihugu vya Afrika ko azobaha amatoni n’amatoni y’intete mu mezi ari imbere naho igihugu ciwe cafatiwe ibihano n’ ibihugu vyo mu burengero bw’isi
Uburusiya n’ibihugu vya Afrika iriko ibera mu gisagara ca Petersburg, Prezida Putine yamenyesheje ko igihugu ciwe citeze umwimbu mwinshi cane w’intete z’ingano muri uyu mwaka w’i 2023.
Gutyo ngo yiteguriye gusubirira igihugu ca Ukraine mu gushorera ingano ku mugabane wa Afrika, kandi ko azokwubahiriza uruhara rw’igihugu ciwe mu gutuma ata kibazo c’ibifungurwa kihaba ku masoko mpuzamakungu.
Prezida Putine yabwiye abari muriyo nama ko yiteguriye guha ibihugu vya Burkina Faso, Zimbabwe, Mali, Somaliya, Santrafrika na Eritreya hagati y’amatoni ibihumbi 25 n’ibihumbi 50 y’intete ku buntu, igihugu kimwe kimwe cose murivyo, mu mezi atatu canke ane ari imbere.
Uburusiya bukavuga ko bushimishwa nuko ibihugu vyo muri Afrika 49 kuri 54, vyaserukiwe muriyo nama yo mu gisagara ca Petersburg. Hakaba harimwo abakuru b’ibihugu 17 n’abakuru b’ama reta bane.
Nkurunziza Freddy