Iruhande y’abajejwe intwaro n’imbonerakure muri komine Mabayi, n’abandi bategetsi muntwaro no mugisirikare muntara ya Cibitoke barashobora guhitanwa n’uruhigi ruriko rukorwa rw’abakorana n’inyeshamba zo muri CNRD/FLN zicumbitse mw’ishamba rya Kibira
Inyuma y’ihagarikwa rya musitanteri wa komine Mabayi, abandi babiri bajejwe intwaro hamwe n’Imbonerakure zitatu, baratawe muri yompi kumusi wa kane. Umushikirizamanza wa repuburika mu ntara ya Cibitoke afadikanije n’igendereza bariko barafata umuntu wese yikekwa ko akorana n’inyeshamba za CNRD/FLN zicumbitse mw’ishamba cimeza rya Kibira.
Abanyagihugu bakaba baranezererewe n’iryo hagarikwa ry’abo bantu.
Abo batawe muri yompi akaba ari Musitanteri wa komine Mabayi Nicodème Ndahabonyimana, uwurongoye zone Mabayi Mozer Ntayoberana n’umukuru w’umutumba Gitukura Zacharie Barisubiyeko n’abandi batatu bari mumuhari w’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Abo bagabo batandatu baciye bajanwa uwo musi nyene ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ariko aho bapfungiwe ntiharatangazwa nubwo amasoko menshi avugako bapfungiwe mugasho k’iperereza.
“Ubwo bucuti bwunzwe hagati ya musitanteri wa komine hamwe n’abo baroberi butuma biborohera gusuma mu masoko mu mutekano ntangere bakongera bagasubira inyuma ata na kimwe batinya berekeza muri iryo shamba rinini cane cimeza riri ku rubibe rw’Uburundi n’u Rwanda”, Ukwo niko umwe mubanyagihugu b’I Mabayi abivuga.
Uyo munyagihugu arongera ati: “abaroberi b’u Rwanda bacumbitse mu Kibira bafitaniye imigenderanire myiza cane n’abajejwe intwaro hamwe na bamwe mu badandaza babaha imfashanyo igizwe n’ibifungurwa. Ubutare buguzwa ivyo bakorerwa hamwe n’amafaranga”.
Amasoko y’aho nyene I Mabayi yemeza ko ibikorwa vyo guhanahana amafaranga nabo bagatanga inzahabu zimbwa kuri magendo n’abo baroberi mw’ishamba rya Kibira vyoroshwa na musitanteri na bamwe mu bajejwe intwaro ku rwego rwo hasi.
Ibintu vyaranyarutse muri iyi misi iheze. Urupfu rw’uwurongoye Imbonerakure muri komine Mabayi Isidore Niyongabo batazira Maisha ku wa gatatu ku mugoroba,bivurwako yishwe n’abarwanyi ba CNRD/FLN, vyaje kwongereza uguhiga uwo wese akorana n’izo nyeshamba.
Isidore Niyongabo bata Maisha yiciwe ku rugo iwe ku mutumba Gasebeyi mu gihe yari kumwe n’umuryango wiwe:
“Amasasu ashika atatu ni yo yarashwe mu mutwe. Abo bagizi ba nabi bavuga Ikinyarwanda baciye bahungira mw’ishamba rya Kibira”. Uko niko umwe mubabanyi biwe abivuga.
Kuri ivyo, hiyongerako intambara zaheruka kubera ku birometero bidashika cumi uvuye ku mugwa mukuru wa komine Mabayi aho abasirikare b’Uburundi bishe batandatu abandi barakomereka muri izo nyeshamba zari zije kurondera ivyo kurya no gusahura mumihana no mumirima, imiryango ishika 20 nayo irahunga.
Nkurunziza Freddy
Abatari bake bakabona ko ugutabwa muri yompi kw’abak