Abatwa bahunze intambara ziriko zibera mubuseruko bwa Congo bavugako barenganywa mugihe abandi bateshejwe izabo baronswa imfashanyo
Abatwa bahunze intambara bari mw’ikambi y’abateshejwe izabo ya Bulengo, mu gisagara ca Goma bariyamiriza ico bita ikumirwa bakorerwa mu gihe hariko haratangwa imfashanyo muri iyo kambi bobo ntibaronke.
Abo batwa bakavuga ko kuva bateshejwe izabo batarigera baronka imfashanyo, mu gihe ayandi makambi y’abateshejwe izabo aguma ahabwa imfashanyo.
Abakenyezi b’abatwa baba muri iyo kambi ya Bulengo nibo babangamiwe cane mugihe bavuga ko ubaye urareka ibiribwa, babura n’imiti hamwe n’ibindi bikoresho vy’isuku.
Abo bakenyezi basaba abagira neza n’uwo wese abishoboye kubagarukirako.