Akarere k’ibiyaga binini-CIRGL na HCR baragabisha ko impunzi zimaze imyaka irenga 20 mubuhungiro bashobora kuzotakaza ubwenegihugu bwabo. Ku biharuro vyo muri 2022, hari abantu barenga 103 000 batagira ubwenegihugu baba mu Burundi, muri Kenya, mu Rwanda, Sudani y’epfo no muri Uganda.
Ico cigwa casohowe mu ntango z’ukwezi kw’umunani gifise umutwe : “Impunzi ku runganwe ku runganwe: gukinga ukubura ubwenegihugu hakoreshejwe umuti urama mu karere k’ibiyaga binini”.
Ni icigwa cashimikiye ku mpunzi z’Abanyarwanda ziri muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, impunzi z’Abanyekongo ziri mu Rwanda no mu Burundi, impunzi zituruka muri Sudani y’epfo no muri Kongo ziri muri Uganda n’impunzi z’Abarundi ziri mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
Ico cigwa cerekanye ko abenshi muri izo mpunzi batagira ica ngombwa na kimwe kibaranga co mu gihugu baturukamwo kandi ko bashobora kuzogira ingorane nyishi kugira ngo basubirane ubwenegihugu nimba bategerezwa gusubira muri ico gihugu.
Kubw’ico cegeranyo, izo mpunzi zimaze igihe kirekire mu karere ka Afrika y’ubuseruko zishishikara kwiyegereza igihugu bahungiyemwo, kandi benshi bashaka kurondera ubwenegihugu bw’igihugu cabakiriye.
Ariko rero, kwemererwa kuronswa ubwo bwenegihugu ntibukunda,nkuko bishikirizwa n’abahinga ba CIRGL n’aba ONU. Bavuga ko impunzi nyishi zigira ingorane zo guhinduza ikarata iranga impunzi.
“Ingorane ziri mu mategeko ku bwenegihugu zisigura ko abavukiye mu gihugu bahungiyemwo bashobora kubura ubwenegihugu, cane cane mu gihe batandikishijwe bakivuka bakanaronswa urupapuro rw’amavuka”, uko niko abahinga ba CIRGL na HCR babivuga.
Kubw’ico cigwa, ibice umunani kw’ijana gusa vy’impunzi z’abakuze ba kera babajijwe, nibo bafise urukaratasi rw’amavuka.
“N’ubwo urugero rwo kwandika abana bavuka rwiyongereye cane ku bana bavukiye mu buhungiro nko mu Rwanda, ibice 28 kw’ijana vy’impunzi z’abakuze ni vyo gusa vyavukiye muri Uganda. Nayo ibice bitandatu kw’ijana vy’abakuze vyavukiye muri RDC nibo basanze bafise impapuro z’amavuka igihe babazwa”, uko ni ko urwo rwandiko ruvuga.
Ico cigwa hari ivyo gisaba abategetsi b’ibihugu birabwa n’ico kibazo, no kuri CIRGL hamwe na HCR, mu ntumbero yo gukinga ko hari abashobora kubura ubwenegihugu muri ivyo bihe izo mpunzi zirimwo.
Mu vyasabwe ko vyokorwa harimwo guhindura ibijanye n’amategeko n’ubundi bwigoro butuma impunzi zironka inzira ziciye mu mategeko mu ntumbero yo kuronka ubwenegihugu bisanzwe biri mu mpapuro.
Mu bisabwa gukorwa harimwo kandi ko ibihugu bigize CIRGL vyogira utwigoro mu ntumbero yo kworohereza impunzi zose kuronka impapuro z’umwidondoro zitangwa n’ibihugu zahungiyemwo, no gushobora kwandika abana bavuka, no kwandika abanyagihugu bakuze b’impunzi bavukiye mu buhungiro.
CIRGL na HCR babona ko imyanzuro y’ico cigwa ari nk’igikoresho ku bihugu birabwa n’ico kibazo mu kugwanya ukubura ubwenegihugu.
“Ni imyanzuro ikomeye cane mu kugwanya ukubura ubwenegihugu mu mpunzi za kera hamwe n’ababamukako mu karere, bikazonafasha gutegura umugambi wiyaguye wa CIRGL ku muti urama mu karere k’ibiyaga binini”, uko niko bitangazwa n’abarongoye CIRGL na HCR muri Afrika y’ubuseruko, mw’ihembe rya Afrika no mu karere k’ibiyaga binini.
Batomora bagira bati : “gukinga no kugwanya ukubura ubwenegihugu ni ngombwa ku mpunzi zimaze imyaka irenga mirongo ibiri mu buhungiro, kuko ivyo vyugurura inzira ku miti yose irama. Ku bw’ivyavuye muri ico cigwa, ama leta azokworohereza impunzi mu kuronka impapuro za nkenerwa ndangamuntu, izerekana ubwenegihugu, ni ibintu vyiza cane”.
Muri munyonyo 2014, HCR yaratanguje isekeza ryo ku rwego rw’igihugu rigamije guheraheza ibijanye no kubura ubwenegihugu gushika muri 2024.
“N’ubwo biri ukwo, mu mwaka n’igice usigaye kugira ngo iryo sekeza mpuzamakungu rirangire, hari igitigiri gitoya cane c’abavyiyemeza n’ingingo zindi zo kugwanya ukubura ubwenegihugu ni vyo bimaze gushirwa mu ngiro n’ibihugu biri muri CIRGL n’ayandi mashirahamwe”, ni ko abahinga ba CIRGL na HCR bagaragaza umubabaro.
Kubw’icegeranyo mpuzamakungu ca HCR ku biharuro vya 2022, abantu barenga 103 000 batagira ubwenegihugu baba mu Burundi, muri Tanzaniya, muri Kenya, mu Rwanda, muri Sudani y’amajepfo na Uganda.
N’ubwo biri ukwo, igitigiri nyezina, cikekwa ko coba kiri hejuru cane kuko ibiharuro ku bantu batagira ubwenegihugu bitaraba abanyagihugu batagira ubwenegihugu mu gice kirenga c’ibihugu vya CIRGL kandi ntibishiramwo impunzi za kera canke ababakomokako bavukiye hanze y’igihugu batagira ubwenegihugu bwemewe.
Fréddy NKURUNZIZA