Abacamanza indwi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva kumusi wa kane mw’ijoro. Bose bagirizwa ruswa n’ukwibisha uruyeri
Nkuko amakuru ava m’ubutungane kumurwa mukuru wa politike I Gitega abimenyesha, vyose bifitaniye isano n’irekurwa ry’abapfungwa.
Ingene bimeze, hari umugabo yigira umukomisiyoneri agaheza akarondera imiryango y’abapfungwa canke abapfungwa ubwabo, agaca akora igikorwa co guhuza abacamanza n’abo bantu kugira ngo dosiye zikorwe n’ingoga canke abapfungwa barekurwe. Kugira ngo yumvishe abakiriya biwe, abarungikira ubutumwa bwo mu majwi inyuma yo kuvugana n’abo bacamanza,
Ivyagiriji umushikirizamanza afise ni amajwi yafashwe mu biganiro vyafatiwe mu materefone, nkuko ayo makuru abandanya abivuga.
Ikindi n’uko urubanza rw’ikibiriraho kuri abo bacamanza ruriko rurategurwa.
Bakaba bahagaritswe kuri uwu wa kane ku mugoroba kw’itegeko ry’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika. Baciye bajanwa ubwo nyene mw’ibohero rikuru rya Gitega aho bari kubarizwa.
Uwo yitwa umukomisiyoneri ari nawe yabaye intandaro y’ihagarikwa ry’abo bose yahagaritswe nawe kuri uwu wa gatanu. Afungiwe mu gasho k’igipolisi mu gisagara ca Gitega kubw’amasoko mu gipolisi.
Sentare ntahinyuzwa ni yo itegetezwa kuzocira urubanza abo bapfungwa uko ari indwi hamwe n’uwo mukomisiyoneri agira umunani. Ayandi makuru atumenyesha ko hari abandi bakozi ba leta bo mukarere ko hagati gashira ubuseruko bw’Uburundi bari ku rutonde rw’abantu bategerezwa guhagarikwa.
Freedy Nkurunziza