Abanyamerika batanu bari bamaze imyaka myinshi bafungiwe muri Irani bafashwe nk’ingwati, barekuwe barataha iwabo muri Amerika inyuma yo kumvikana kw’ivyo bihugu uko ari bibiri. Amerika ikaba yemeye kurekura imiriyaridi 6 z’amadorare za Irani.
Igihugu ca Qatar n’ico cahuje Leta zunze Ubumwe za Amerika n’igihugu ca Irani.
Inyuma y’ibiganiro bitari bike,umwimvikano wabaye yuko Imiriyaridi 6 z’amadorare yegukura Irani ariko yari yafatiwe muri Korea y’Epfo akomorerwa Irani, gutyo Irani nayo ikarekura imbohe 5 z’abanyamerika.
Ayo mafaranga amaze kugera mw’ibanki y’I Doha muri Qatar, niho abagabo bane n’umugore umwe b’abanyamerika ariko bamuka muri Irani, bahaguruka I Tehran mundege yabatwaye nabo kumurwa mukuru wa Qatar.
Bakaba basanganiwe na bamwe mu bategetsi bakuru ba Amerika ndetse mw’ ijoro ryakeye bahise bahaguruka bagana i Washington muri Amerika.
Abo banyamerika bakomoka muri Iran barimwo umucuruzi Siamak Namazi w’imyaka 51 amaze hafi imyaka umunani mw’ibohero rizwi cane ryitwa Evin riri i Tehran.
Leta ya Washington ikavuga ko abo banyagihugu bayo bari bafunzwe bagirizwa ibintu bidafashe bijanye na Politike, mugihe Irani yoyo yabagiriza icaha co gusuma urusaku.
Abanya Iran batanu nabo bafungiye muri gereza zo muri Amerika ku vyaha vyo kurenga ku bihano Amerika yafatiye Irani, nabo baragirirwa ikigongwe nkuko biri mumasezerano ivyo bihugu bibiri vyumvikanyeko.
Professeur Mehran Kamrava umwigisha muri kaminuza Georgetown University yo muri Qatar yagize ati:
“Ntekereza ko hari ikintu cy’intsinzi kuri buri ruhande.
Kuri Biden, yimirije kuja mu matora, atahukanye Abanyamerika, nayo kuri Iran, hari abanyagihugu bayo barekuwe bari bafungiye muri Amerika, ariko
kandi ibonye na miliyaridi 6 z’amadorare. Iyo ni intsinzi nini.”
FREDDY Nkurunziza