Mukiringo c’umwaka umwe gusa abaye umushikiranganji, Martin NITERETSE arigirizwa ivyaha bitanu bikomakomeye n’abakurikiranira hafi ibibera mu Burundi.
Martin Niteretse ni umushikiranganji ajejwe intwaro mugihugu hagati, umutekano n’iterambere rusangi kuva muri nyakanga umwaka w’2022.
Muri ico kiringo amaze aramutswa ubwo bushikiranganji, abakurikiranira hafi intwaro y’umugambwe CNDD-FDD mu Burundi bagiriza ubwambere Martin Niteretse kuba afise umugambi wo gufuta abashingantahe mu Burundi, mugihe tuzi ko bamye ari kirumara mukuzuriza no kunywanisha abarundi kuva kera na rindi.
Ubugira kabiri, Martin Niteretse ntiyerekwa abaharanira agateka ka muntu. Arabapfunga akabagiriza ko amafaranga y’amashirahamwe yabo afasha ibikorwa vy’iterabwoba. Ivyo akabikora ata cemezo na kimwe afis. Iyo bagize Imana, batabarwa n’ubutungane.
Ica gatatutu, Martin Niteretse yatanze itegeko ko abana ba se batazwi, batazosubira kwandikwa mu makomine, anashinga ko abakobwa batwaye inda bazohora bakubitwa gushika bavuze uwabateye inda. Nta tegeko ry’Uburundi na rimwe rimurekurira izo ngingo.
Ubugira kane, Martin Nitretse aherutse kubeshera umukozi w’Imana yamuka mugihugu c’Urwanda ngo yateguye gutangisha amahera abagiye gusenga, amwagiriza no kwiba amadolari y’Uburundi. Ivyo vyose bikaba ibinyoma.
Nayo ubugira gatanu, Martin Niteretse ntakeneye ko umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi, witaba amatora yo mu 2025 ugihagaze neza kandi warayiteguriye. Akaba ahagarariye Indyane muri uwo mugambwe.
Aha rero abatari bake bakavugako uravye ivyo amaze gukora mukiringo gitoya amaze muri reta, umushikiranganji Martin NITERETSE ashobora kuzokra amabi asumbirije ay’abandi baciye muri ico kibanza kuntwaro y’umugambwe CNDD-FDD, nk’aba Edourd NDUWIMANA n’abandi. Ubu mbere bamwe bamwe bakaba babayeho banyegeye kubera amabi bakoze.
Freddy NKURUNZIZA