Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariyamiriza indyane zivamwo akarenganyo k’ubanyagihugu ataco bazira, bigatuma bamana intekera kumutwe bahunga kugirango barabe ko boronka aho bata umutwe.
Mw’ijambo yashikirije kumusi ugira kabiri w’inama ya ONU igira iya 78 i New-york muri Leta zunze ubumwe za Amerka, Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME yamenyesheje ko ababazwa n’abanyagihugu bama bariko barihereza agahiga bahunga akarenganyo gaterwa na cane cane n’ukutumvikana m’undongozi z’ibihugu vyabo, bagafata ingendo ziteye ubwoba barondera aho bobaho neza.
“Urwanda rwariyemeje kubandanya gukorana n’abo basanzwe bafashanya, harimwo n’ishiramwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, kugirango ruterere mukurondera inyishu irama. Ugufatana munda kwacu gufise inguvu zituruka mukwiyemeza kwamirira kure ko akaga katubayeko haraheze hafi imyaka 30 gasubira kuba” Uko niko prezida Paul KAGAME yabivuze afatiye kw’ihinyabwoko ryakorewe abatutsi mu 1994, bigatuma abantu ibihumbi amajana n’amajana bahunga.
Inama igira iya 78 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno mwaka ikaba yaranzwe cane n’ibijanye n’intambara yo muri Ukraine, aho ibihugu vya rutura bikeneye gushigikirwa n’ibihugu bikiri munzira y’amajambere muguhangana n’Uburusiya.
Freddy NKURUNZIZA