Prezida Evariste Ndayishimiye yahagaritse mumabanga umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Général Prime Niyongabo, ariko umushikiranganji wa mbere Lt.Gén. Gervais Ndirakobuca amubera intambamyi. (Tapentadol)
Bimwe mu bihangange vyo mumugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, ntibavuga rumwe kungingo ya Perezida Ndayishimiye yo kubogoza Général Prime Niyongabo mu mabanga yo kuyobora ibiro bikuru vya gisirikare. Muri kino gihe rero umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye bikaba biriko biramugora gushira mungiro iyo ngingo.
Bamwe mu begereye cane umugambwe CNDD-FDD bavuganye n’iradiyo RPA bavuga ko iyo ngingo yo gukura uwo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare vyanse ko ishirwa mu ngiro kubera umushikiranganji wa mbere Lt.Gén. Gervais Ndirakobuca yanse gutera umukono kw’iyo ngingo.
Nkuko dukesha iyo nkuru iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu , ngo haraheze igihe Perezida Ndayishimiye ariko agerageza gukura umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Général Prime Niyongabo, umugambi ariko akorako agasha.
Amakuru RPA ikura muri bamwe mu basirikare bo ku rwego rwo hejuru, amenyeshako uwo mugambi Perezida Varisito Ndayishimiye awumaranye igihe. Ivyo bikaba vyatumye haba icuka kibi hagati y’umukuru w’igihugu hamwe na Lt.Gén.Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare. Nkuko RPA ibivuga, Bimwe muvyo batumvikanako akaba ari ingene igihugu kiyobowe, na bimwe bimwe bijanye n’inyungu zabo.
Umwe mu bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko imbere yuko Evariste Ndayishimiye afata urugendo agana mu gihugu ca Cuba kuwa 10 Nyakanga 2023, yahamagaye uwujejwe ivy’ingendo ziwe (chef protocole) Gén.de Brigade Jules Ndihokubwayo araheza amuha urwandiko yasize asinye rwo gukura Gén. Prime Niyongabo.
Ariko rero, kubw’ayo makuru nyene, Iryo kurwa rya Prime Niyongabo ryategerezwa kubanza kwemerwa na Lt.Gén. Gervais Ndirakobuca , umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi abanje nawene gutera umukono kuri urwo rwandiko.
Amasoko ya RPA abandanya amenyesha ko Perezida Ndayishimiye yari yanabwiye uwo asanzwe ajejwe ivy’ingendo ziwe ko urwo rwandiko yorushira Gervais Ndirakobuca ari uko Umukuru w’igihugu yamaze gushika mu gihugu ca Cuba.
Umushikirakanganji wa mbere ngo amaze gutera umukono kw’itegeko rikura Prime Niyongabo muri ayo mabanga, bagaca batwara bamwe mu basirikare bacungera ku kirimba, kwongereza umutekano wo kw’iradiyo na Tereviziyo vy’igihugu “RTNB”.
Ariko rero, Gén.Jules Ndihokubwayo akaba yarungitse izo ngabo kuri RTNB umushikiranganji wa mbere Ndirakobuca atarashira umukono kuri iryo tegeko.
Hagati aho, Amakuru ava mwa bamwe mu basirikare bakuru bakuru bahaye radiyo RPA ndetse akanemezwa na bamwe mu nzego zikomeye zo mw’iperereza avuga ko igihe Jules Ndihokubwayo yakora ivyo yari yasize ategetswe na sebuja, yaraziko umushikiranganji wa mbere aca atera umukono vyihuse kuri urwo rwandiko rwo kubogoza umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.
Ibintu bikaba vyahavuye bigenda ukundi nkuko RPA ibandanya ibishikiriza. Gervais Ndirakobuca akaba atemeye gusinya kuri nya tegeko ry’umukuru w’igihugu, maze aca agirako abwira uwo mugendanyi wa perezida Ndayishimiye ko ibijanye n’iyo ngingo atavyo bigeze bumvikana .
Yaciye amubwirako yorindira bakazobivugana n’umukuru w’igihugu avuye mu rugendo amazemwo imisi mu mahanga. Jules Ndihokubwayo amaze kwumva iyo nyishu, yahavuye yongera abwira abasirikare bari baje gutsimbataza umutekano kuri RTNB ko bosubira ku kirimba c’umukuru w’igihugu.
Iyongerezwa ry’abo basirikare rero rikaba ariryo ryateye amakenga bamwe n’abandi banabonye imodoka za gisirikare zijana ibirwanisho bidasanzwe mu nyubakwa za RTNB, haca hakwiragizwa ibihuha bivuga ko hoba hagomvye kuba itembagazwa ry’ubutegetsi .
Ico bikoze, hari amakuru yemeza ko Prezida Ndayishimiye ashaka kwikurako Général Niyongabo. Ayo makuru nyene aremeza ko abasirikare batobato badashigikiye Prime Niyongabo. Bagiriza ubusuma bwinshi uyo abarongoye kandi bavuga ko ariwe yari yarabujije ko baronka agashahara kisununuye.
Kuri ivyo, abatari bake bakaba bibaza ibibazo bikurikira :
Koko Ndayishimiye azoshobora kwikurako uwo yabereye “Parrain” ku bugeni ?
Koko Général Niyongabo yoba ageze aho ashaka kwikurako “Parrain” wiwe ?
Gervais Ndirakobuca yoba yamaze kugangura akanka ingingo z’umukuru w’igihugu ?
Nimba Ndayishimiye atari kumwe n’umukuru w’umugambwe, ntiyumvikane n’umukuru w’igisirikare, akanyinyurana n’umushikiranganji wiwe wa mbere, azoba asigaranye nde ?
Nkurunziza Freddy