Mw’isekeza ryatangujwe n’umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe amagara y’abantu afadikanije n’ikigo kijejwe ubuvuzi c’u Rwanda mu mpera za Mukakaro, abana barenga ibihumbi cumi na bitanu b’impunzi baracandazwe indwara y’Ubukangwe.
Iryo sekeza rikaba ariryo gutanga urucanco rugira kabiri rwo gukinga indwara y’ubukangwe ku bana bafise musi y’imyaka indwi.
Mw’ikambi y’impunzi ya Mahama mu buseruko bw’u Rwanda, abana barenga ibihumbi cumi na bitanu bakaba bararonkejwe urwo rucanco.
Kubw’amasoko mu buvuzi, leta y’Urwanda yafashe ingingo yo gucandaga abana bose badashikana imyaka indwi kugira ngo babakingire indwara y’ubukangwe imaze kwibonekeza mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya, Repuburika y’ intwaro Rusangi ya Kongo hamwe n’Uburundi.
Kubw’umushikiranganji w’Urwanda ajejwe amagara y’abantu, urucanco rwatanzwe kurabo bana rufise intumbero yo gushikanwa ku bana batari musi y’imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana indwi kuri buri rugero mu Rwanda.
Kubwa Hassan Sibomana, umuyobozi w’imfatakibanza mu gisata c’abavyeyi, abana n’ikibano mu kigo c’ubuvuzi ca Leta y’u Rwanda (RBC), ubukangwe burashobora gukwiragizwa n’abana banduye umugera w’ubukangwe ariko batarerekana ibimenyetso.
Ikambi ya Mahama ikaba isanzwe irimwo impunzi zirenga 55.000 zigizwe ahanini n’Abarundi.
Mu Rwanda, uwa nyuma aheruka kubonekako indwara y’ubukangwe yabonetse mu mwaka wa 1993. Kw’isi, nk’akarorero mu Buhinde, iyo ndwara yari yamenyekanye mu 1999.
Freddy nkurunziza
Rwandatribune.com