Dieudonné Murengerantwari yahora ayoboye ibanki nkuru y’Uburundi afungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza kuva ku musi wa gatandatu. Abategetsi mugihugu ntaco baravuga kw’ifungwa ryiwe.
Imbere yo guhagarikwa, Dieudonné Murengerantwari yasubirijwe vyihuta na Édouard Normand Bigendako, yari asanzwe arongoye ibanki y’iterambere BNDE.
“Umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ni we yahagarariye ubwiwe ihagarikwa ryiwe”, uko Niko bivugwa n’abaporisi.
“Yamusanze muhira iwe. Ntiyaronse n’akanya ko kwambara neza. Bamuyoye uko nyene yambaye impuzu zisanzwe yibereye muhira.”, ivyo bikavugwa n’abegereye iyo dosiye.
Uwo yahoze ari umuyobozi mukuru w’ibanki nkuru BRB yategerezwa gufata urugendo rw’akazi mu mahanga uwo musi nyene afatwa.
Urwo rugendo rukaba rwaciye rukorwa n’izindi ntumwa z’iyo banki nkuru.
Gushika ubu ubutungane bw’Uburundi n’igendereza ntibaramenyesha icatumye uwo muhinga mu vy’ubutunzi ahagarikwa. Gusa amakuru yegereye iyo dosiye avuga ko yagirizwa ibiturire n’aka mwana wa mama.
Dieudonné Murengerantwari ashobora gushikirizwa umucamanza buri mwanya nkuko amakuru amwe amwe abivuga.
Ikitazwi ariko n’uko hoba hari umutahe w’umushikirizamanza wo guhagarika uwo yahoze arongoye ibanki ya Repuburika y’Uburundi woba wari wasohowe.
Freddy Nkurunziza