Inyama z’ubuyabu zicuruzwa vyitwa ko ari inyama z’ingurube canke iz’intama mubumanuko bw’Ubushinwa.
Nkuko tubisoma mukinyamakuru c’abongereza BBC, igiporisi mu Bushinwa giherutse gutabara ubuyabu 1.000 bwari bugiye kubagwa kugira inyama zabwo zigurishwe nk’uko zoba ari iz’ingurube canke intama.
Abaharanira uburenganzira bw’ukubaho neza kw’ibikoko, nibo bavuniye urugohe igiporisi bagiha amakuru ajnye n’ubwo buyabu bwari bugeramiwe.
Igipolisi caciye gitangira ikamyo yarimwo ubuyabu bgera ku 1.000 mu gisagara ca Zhangjiagang kiri mu buseruko bw’Ubushinwa.
Ubwo buyabu bwaciye bujanwa aho bukingirwa, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru co mu Bushinwa Paper.
Ico gikorwa rero catumye bimenyekana ko hari urudandazwa rutemewe rw’inyama z’ubuyabu, gica kivyura amakenga ku bwiza bw’ivyo kurya, nk’uko inkuru ibivuga.
Inyama y’akayabu irashobora kugurwa amadorari 0,61 (ni nk’amafaranga y’Uburundi hafi 1.800) kuri catty, igipimo co mu Bushinwa kingana na 600g (amagarama 600) , nk’uko abagwanira uburenganzira bw’ibikoko babivuga.
Ntivyamenyekanye ariko nimba ubwo buyabu bwatabawe bwari ubwiyerereza canke ubwari butunzwe.
Bwari mu nzira bujanwa mu bumanuko bw’Ubushinwa aho inyama zabwo zari kugurishwa ku migeto (nka brosheti canke mushikaki), na sosiso vyitwa ko ari iz’ingurube n’intama.
Ku bw’ikinyamakuru Paper, abaharanira uburenganzira muri Zhangjiagang bari babonye ubuyabu bwugaraniwe mu makarato y’ibiti yugaje imisumari mu kaburi baca bamara iminsi itandatu bakurikirana ivyo bintu.
Igihe ubwo buyabu bwapakirwa ikamyo ku wa 12 uku kwezi kw’10, baciye bahagarika iyo modoka bahamagara igiporisi.
Iyo nkuru aho isohokeye mu kinyamakuru Paper, abantu barayanditseko bashavuye ku rubuga hwaniro rwo mu Bushinwa, Weibo. Abatari bake basavye ko hokomezwa ivyo kugenzura igisata c’ivyo kurya.
”Abantu benshi barapfa urupfu rubi,” niko umwe yavuze kuri Weibo.
Uwundi yavuze ati: ”Ni ryari hazoba amategeko yo gukingira ibikoko? Ubuzima bw’imbwa n’ubuyabu ntaco bumaze?”
Uwundi ati : ”Sinzosubira na rimwe kurya broshete hanze.”
Mu kwezi kwa 6, hakaba haradutse induru kw’ishure rya kaminuza mu ntara ya Jiangxi, igihe umunyeshure yabona umutwe w’imbeba mu vyo kurya vyiwe.
Abategetsi b’ishure batanguye kugerageza kwemeza ko yari inyama y’imbata ariko mu nyuma baremera ko ivyo umunyeshure yavuga kwari ukuri.
Namwe rero ni ukuza muriyubara inyama mw’ihereza na cane cane izivuye mumahanga nka zirya ziseye ziza mumakopo.
Freddy NKURUNZIZA