Inyuma y’indwi yose hatanguye isekeza ryo kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, abahabwa amahirwe yo kuyobora Congo ni Félix Tshisekedi na Moïse Katumbi. Ni mugihe abiyamamaza bagaragarira mumirwi itanu y’amahirwe yo gutsindira ico kibanza.
Muba candida barenga 20 bariko biyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Repubulika ya demokarasi ya Congo kuva kuwa 19/11/2023, Antoine Félix Tshisekedi yahora ayoboye ico gihugu , hamwe n’umurwizatunga Moïse Katumbi nibo baza kumwanya w’imbere mumahirwe yo gutsindira ico kibanza.
Abo bagabo uko ari 2 bakaba ari nabo basohoye uburyo bwinshi mumafaranga yo gukoresha muri ico gikorwa gusumba abandi, ndetse bakaba aribo bamaze kwiyamamariza muntara nyinshi, aho umwe umwe muribo amaze guca muntara zirenga 5 mundwi imwe gusa.
Gushika ubu ntatunenge turibonekeza muri iyo myiyamamazo. Ico bikoze, hari aba candida 6 bamaze kumenyesha ko bazitwarira mubutungane umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amatora « CENI », bamwagiriza gukoresha impapuro mpimbano, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro mugihugu hagati ngo kuko atabaronkeje abapolisi 25 babacungerera umutekano kuri umwe umwe wese.
Tugarutse kuba candida babiri bambere barusha amahirwe abandi, Félix-Antoine Tshisekedi yatangurije imyiyamazo yiwe kuri stade yitiriwe incungu, ariyo stade des Martyrs kumurwa mukuru Kinshasa, mugihe Moïse Katumbi we yahisemwo igisagara ca Kisangani ahitwa Tshopo.
Mucumweru kimwe gusa, Moïse Katumbi akaba amaze kwiyamamaza muntara 6 zo muburasirazuba bw’igihugu. Aha twovuga nka Tshopo muri Kivu y’amaja epfo, aciye muri Haut et Bas-Uele, muri Ituri no muri Kivu y’amaja ruguru.Nayo Félix Tshisekedi akaba amaze guca muntara zitanu, Kinshasa, Kongo-Central, Maniema, Équateur na Nord-Ubangi.
Mukwiyamamaza, Moïse Katumbi akaba ashimikira kukugarukana amahoro n’umutekano mugihugu, kuzamura uburyo bwo kubaho no gusanura igihugu. Félix Tshisekedi nawe avuga ko azobandaniriza aho yarageze muguteza imbere Congo.
Umurwi wa kabiri w’abiyamamaza ugizwe n’abacandidat bagenda buke buke kumurindi mutoya. Aha twovuga Martin Fayulu yari amaze kwiyamamariza ahahoze hitwa grand Bandundu, na Denis Mukwege yatanguriye imyiyamamazo i Bukavu muri Kivu y’amaja epfo.
Muri uyo mugwi harimwo na Delly Sesanga yiyamamarije i Kenge. Abandi ni Kikwit Constant Mutamba muri Mai-Ndombe, Anzuluni Bembe muri Uvira , Abraham Ngalasi i Kinshasa, Marie Josée Ikofu nawene i Kinshasa, ndetse na Adolphe Muzito muri Kinshasa nyene.
Hakaba rero n’uwundi murwi w’aba candida bakirindiriwe kurubuga rwo kwiyamamaza, gushika ubu batarahahonyoza ikirenge. Benshi muribo bikaba vyoba biterwa n’uburyo buke.
Aha kandi twovuga n’abamaze gukuramwo akarenge hakiri kare, nka Matata Ponyo, Seth Kikuni na Franck Diongo. Bose bakaba bamenyesheje ko bagiye inyuma ya Moïse Katumbi ariwe bifatanije nawe, muntumbero yo gushira mungiro iciyumviro cashikiririjwe mugihugu ca Afrika y’epfo kijanye n’uko abatavuga rumwe na reta botanga umu candida umwe kugirango bagire inguvu nyishi muri ayo matora.
Freddy NKURUNZIZA.
Rwandatribune.com