Umukuru w’umugambwe ECIDE Martin Fayulu yatanguje isekeza ryo gutoza intererano y’i dolari rimwe ku muntu, mubayoboke biwe yo kumushigikira mu kwiyamamaza.
Martin Fayulu afise inomero 21 mu biyamamaza mukibanza co kuzoyobora Repubulika ya Demokarasi ya Congo mumisi iri imbere.
Abicishije muco yise « isekeza ry’idolari 1 mw’itorwa rya Fayulu », umukuru wa ECIDE avuga ko yateye akamo abayoboke biwe kugirango bashire mungiro intumbero yabo yo kubaka Congo yigenga.
Martin Fayulu yagize ati :
« Bagenzi namwe munshigikiye, uyu musi ndabituye ndabizeye kandi nishimiye kuba umu candida mumatora y’umukuru w’igihugu wa Congo. Muntumbero yo gushika kuntumbero dusangiye yo kubaka Congo yidegemvya,ikomeye, y’iteka kandi iteye imbere,ndakeneye ubufasha bwanyu muburyo bw’amafaranga. Intererano yanyu uko yoba ingana kose, idutera intege mugutuma ijwi ryanyu ryumvikana no mukubaka kazoza keza kuri mwese. Ni mwifatanye nacu muri urwo rugendo muguterera muri kazoza ka Congo. Turizeye ubugwaneza bwanyu ».
Uko niko Fayulu yanditse ku rubuga mafapresident2023.com, rwategekanirijwe ico gikorwa co kwegeranya ayao mafaranga.
Urwo rubuga ruha uburenganzira uwariwe wese yiyandikishije, bwo guhitamwo amafaranga aterera ingene angana, abicishije muma banki, canke kumihora ya terefone uko ari 4 ikoreshwa muri Repubulika ya demokarasi ya Congo.
« Iki n’ico gihe ». Iryo n’iryo jambo ry’umutwe ry’itangazo rihamagarira abantu muri iryo sekeza ryo kwegeranya amafaranga y’umu candidat Martin Fayulu agira uwa 21 mumatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Congo.
Freddy NKURUNZIZA.
Rwandatribune.com