Igice ca mbere co kwiyamamariza ikibanza c’Umukuru w’igihugu muri Repubulika y’intwaro rusangi ya Congo carangiye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 ukwezi kwa 12 umwaka w’2023. Moïse Katumbi na Felix Tshisekedi nibo bashoboye kuronka abanywanyi benshi kandi banakoresheje uburyo bwinshi gusumba abandi.
Imyiyamamazo y’amatora ategakanijwe muri uku kwezi kwa 12 muri Repubulika y’intwaro rusangi ya Congo yatanguye kuwa 19 ukwezi guheze kwa 11. Abaserutse cane mubakandida 24 biyandikishije guhiganigwa intebe y’umukuru w’igihugu ni Moise Katumbi Felix Tshisekedi yahora ayoboye ico gihugu mumyaka 5 iheze.
Uko ari babiri barashoboye guca mubisagara vyinshi vyo muntara zitandukanye, bakaronka n’abanyagihugu benshi baza kumviriza imigambi n’imigabo yabo. Nibo bakandida 2 babonetse cane ko bari mumyiyamamazo vyukuri kandi bafise n’uburyo buhagije bwo kwiyamamaza.
Moïse Katumbi afise inomero 3 kurutonde rw’abiyamamaza, yahavuye aronka abamushigikira bakifatanya nawe mubatavuga rumwe na reta b’abakandida bari biyandikishije kwitoza. Aha twovuga nka Augustin Matata, Seth Kikuni, Franck Diongo na Delly Sesanga.
Nayo Felix Antoine Tshisekedi afise inomero 20 kurutonde rw’abitoza, ashigikwa na Jean-Pierre Bemba, Vital Kamerhe, Modeste Bahati Lukwebo, Jean-Michel Sama Lukonde na Christophe Mboso Kodia.
Abandi bakandida mukibanza c’umukuru w’igihugu bashoboye kwiyamamaza ntibarenze muntara 4 z’igihugu, iruhande y’umurwa mukuru Kinshasa. Ni mugihe hariho abandi batari bake batashoboye kwibonekeza ku rubuga rw’imyiyamamazo kandi bariyandikishije bakemererwa n’umurwi w’amatora. Ahanini bikaba vyatumwe nuko ataburyo bukwiye bafise. Bumvikana gusa kumunwa ko bari mu myiyamamazo.
Abo nabo ni nka Tony Bolamba, Jean-Claude Baende, Radjabho Tebabho Sorobabo, Theodore Ngoy, Justin Mudekereza, Nkema Liloo Bokonzi, Patrice Majondo Mwamba, André Masalu, Joëlle Bile, Enoch Ngila, Abraham Ngalasi na Marie Josée Ifoku.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com