Hari abasirikare hafi 200 binjiye mu gisagara ca Bujumbura mu kanya gaheze bavuye muri RDC. Abatwandikiye bahejeje kubabona bavuze ko bari mu makamyo ane aciye ku Mutakura aca atera yerekeza i Bubanza. Amakamyo aherekejwe na pickup zibiri.
Abasirikare bari muri izo kamyo bambaye umwambaro w’igisirikare ca RDC. Inyuma y’umutaga bamwe muri bano basoda bari batabaje. Ni bamwe bari baraye burijwe ubwato bavuye i Goma, aho barahiye bararengwa ko badasubira kuja kugwana na M23, kuko babona ari ukwiyahura mu ntambara badatahura.
Bagitabaza bamenyesheje ko bafise amakuru ko bategerewe n’iperereza rya gisirikare ry’Uburundi. Ntibazi ibikurikira. Ntibazi ko bagiye gupfungwa canke bahava bagirigwa nabi. Aho ni mu gihe Général de brigade Élie Ndizigiye batazira Muzinga yari yabagirije ejo ko ari abagumutsi.
Ikibazo ca Congo, abategetsi b’Uburundi bataciyondeye kigiye kwonona bikomeye igisoda c’Uburundi. Kandi birashobora kugira ingaruka zidasanzwe ku butegetsi.
Abasoda barashavuye cane, baba abari muri Congo, baba abasanzwe mu Burundi. Hirya y’ejo, indiri z’abasirikare baratikiriye ku rugamba, abacitse kw’icumu bavuyeyo bahunga mu rudavagi. Hari abasirikare bakiyerera mu mashamba ya Congo.
Bamwe bariko bahura n’ibibazo muri ayo mashamba, aho bahura n’abandi bagwanyi ba Congo bakabambura ivyo bafise vyose kugeza ku mwambaro. Abasoda b’Uburundi baridoga cane ko barungikwa ku rugamba badafise ibirwanisho bikwiye.
Baridoga ko abasoda ba Congo babatana urugamba, bagata ibirwanisho bikomeye maze M23 ikabitora, akaba arivyo yicisha abarundi. Abasoda barashavujwe n’amafaranga batukwa ko bahembwa kandi atayo bigera babona. Abasoda barashavujwe n’ingene abapfuye bafatwa nabi, imiryango basize ititwararikwa. Ubuho abapfuye hirya y’ejo nta n’ibiziga bishobora kuboneka kubera batashoboye kubikurayo.