Nyuma y’ifungwa ry’imipaka ihuza Uburundi n’u Rwanda , bivuye kuri Leta Y’Uburundi imirimo myinshi yarahagaze, iyindi ikorwa kuburyo bugoye cane, na cane cane ku barundi bava i Burundi baza mu Rwanda canke bava i Rwanda baza i Burundi.
Imipaka itarugarwa kuva mu Rwanda kugera i Burundi tike yari hagati ya 23000frw na 25000frw canke 75000fb na 80.000fb, bivanye na sosiyete y’Imodoka ugiriyemwo.
Ubu kugenda i Burundi uvuye mu Rwanda canke uva i Burundi uza i Rwanda, ubwirizwa guca Tanzanie, urugendo ruraheza rukaba rurerure,nitike yo kwiyunguruza ikikuba kabiri.
Tike ubu ni 50.000frw canke 175000fb,akaba ari amafaranga menshi cane agoye kuronka.
Twobamenyesha ko ubwo bukerarugendo naho bukorwa, bikorwa n’abantu kugiti cabo, kubera ibigo vyemewe mugutwara ba mukerarugendo bitagikora.
Bene ivyo bigo vyafunze imirimo, ababikoramwo, bakaba bataka ko ubuzima bwabo buri mubibazo bikomeye vyubuzima, kubera ihagarikwa ryakazi kabo giturumbuka.
Abarundi benshi, abakora ubucuruzi, abaturiye imipaka y’Uburundi n’u Rwanda,barasaba bashimitse président Evariste Ndayishimiye, kwisubirako, agafungura imipaka, kubera iryo funga ry’imipaka ryashize mukaga ubuzima bw’abantu benshi bidasanzwe eka n’Igihugu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com