Mu Burundi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu kiganiro yagirishije, aravuga akongera agashimangira, akanasuzugura abize za kaminuza (universités) ko ataco bamaze.
Avuga ko uwurangije kaminuza ataco amariye igihugu c’Uburundi n’abanyagihugu, iyo mvugo ikaba yabaye ingendo y’indongozi z’igihugu hamwe n’umugambwe Cndd Fdd.
Umukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien ndikuriyo,y ivugiye ko kwiga amashure ataco bikimaze nko kwiga ibiharuro (imibare mu kinyarwanda),za shimi (chimie) fisike (physique) ari uguta umwanya w’ubusa ; ahubwo bakwiye kubireka, bakaja kurima no kwiga imyuga,kuko ariryo terambere ry’igihugu n’ejo hazoza ku Burundi n’abarundi.
Président Evariste ndayishimiye, nawe arabishimangiye aho anavuga ko abize za kaminuza bafise impapuro mu gisata c’igifaransa bobo babuze ico biga.
Arongera akanavuga ko atanibitabo na bibiri bamaze gusoma kuva biga gushika barangije, umuntu akibaza n’imba yabonye bagize défense y’igitabo kirangiza amashure, atagitabo nakimwe basomye, iyo mvugo ikaba igoye gutahura no gutera ikibazo kuri benshi.
Arongerako ati ntanakazi muzoronka, kuko ntaco mushoboye, nukwironderera ahubwo iyo muja kwibera.
Iyo mvugo ya président avuga irababaza abantu benshi bidasanzwe, bamwe bakibaza nimba aba yabanje kubishishoza canke agifise agatima ko kwiyumvira kazoza n’iterambere ry’igihugu n’abo arongoye.
Igisigaye kinatera agahinda abarundi benshi, nuko no kumugaragaro ngo ntibazosubire kumuraba kumunwa ariko yinwera akavinyu (Vin) ngo ni muvyiwe yirondereye.
Agahamya abwira abarundi bose ngo uwukeneye kubaho neza namenye uko avyironderera areke kumuraba mumaso, kubera ariko andya utwiwe n’umuryango birondereye .
Ivyo abivuga mugihe abarundi benshi bugarijwe n’ubukene bukabije, n’inzara ivuza ubuhuha.
Ikindi amafaranga y’ Uburundi yarataye agaciro bimwe bidasanzwe, nayo kuronka canke kubona ifaranga mvamakungu mu Burundi vyabaye nko kurondera umuzi w’ibuye.
Abize barangije za kaminuza nibindi, ntanico bakivuga kubera imvugo mbi, ivanze nagasuzuguro imaze iminsi ivugwa n’umukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien Ndikuriyo hamwe na Président Evariste Ndayishimiye.
Abarundi barasaba bashimitse, ko hoboneka ikintu co hinduka, mubijanye n’uburungozi bw’Igihugu, kuko kiri mukaga mu bisata vyose bigize igihugu.
Abazi ivya politique, babona ko président Evariste ndayishimiye atagifise ico abwira abarundi, kuko igihugu yamaze kugita mukaga.
Ubu rero akaba yahisemwo gufunga imipaka ihuza uburundi n’u RWANDA kugira asamaze abarundi, bace bibagira ibibazo y’abashizemwo bw’ubuzima bugoye barimwo, bace basamazwa n’ifungwa ry’imipaka.
Muri make yarondeye uko akwepa ibibazo yakwegeye igihugu arongoye.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com