Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30/01/2024, umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi,yaremeje ko biteguriye ingwano n’igihugu c’u Rwanda.
Uwo mushikiranganji Alain Tribert Mutabazi, aremeza ko igisirikare c’Uburundi congereye ibigwanisho kirimbuzi ku mipaka yose igihuza n’u RWANDA.
Akaba yabivuze igihe yariko ashikiriza, ivyo ubwo bushikiranganji bwaranguye mugice cakabiri c’umwaka uheze.
Mu ntara ya kirundo, Cibitoke na Kayanza zihana urubibe n’u RWANDA, amakuru atangwa n’abanyagihugu baba kumipaka, aremeza ko hari uruja n’uruza rw’abasirikare benshi, bavanze n’imbonerakure hamwe nabahoze mugisirikare bizewe n’ubutegetsi, nabo bahawe inkoho n’impuzu za gisirikare mugwego rwo kw’itegurira intambara.
Umushikiranganji wu’kwivuna abansi, arabandanya ashimangira ko bongereye abasirikare n’ibikoresho mu gwego rwo kw’itegurira intambara kandi bafise ubushobozi bukwiye bwo kurwanya umwansi.
Icatangaje benshi nuko iyo mvugo yakoreshejwe numushikiranganji ata nivyagisirikare yize, ari umu civil,ikindi n’ibiriko bihitana abasirikare b’abarundi muri RDC atanico yigeze abivugako.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com