Président Ndayishimiye,yaraye ahakanye ko nta basirikare b’abarundi bapfiriye mu ntambara iri kubera muri Congo (RDC).
Iyo migwano ikaba imaze iminsi ihuza igisirikare ca RDC (FARDC) hamwe n’ababafasha ba Wazalendo, Fdlr n’abarundi, niyindi mitwe, igwanya umuhari M23.
Président w’Uburundi avuga ko abo basirikare M23 yerekanye ko yafashe mpiri,nabo bavigwa ko bapfuye, ari amayeri akoreshwa na M23 mu ngwano irimwo (Guerre psychologique).
Arongera akabwira abarundi n’amakungu ko umuhari M23, abo basirikare iheruka kwerekana ko yafashe,arabo mumugwi wa Red tabara ugwanya leta y’uburundi, wagiye kwifatanya na M23.
Iyo mihari M23,Red tabara akaba ayifata nk’imihari y’iterabwoba..
Ashimangira avugako,abavuga ayo makuru yabasirikare bapfiriye muntambara iri kubera muri RDC, ari abantu, bagomba kw’ivanga muvyagisirikare c’Uburundi,ataburenganzira babifitiye.
Imiryango yaburiye ababo mu migwano iri kubera muri RDC, bari mumarira n’agahinda bidasanzwe, inyuma yo kumva amajambo y’umukuru w’igihugu.
Ikinababaje cane iyo miryango yabuze nuko gushika nubu, bene kubura ababo batarabimenyeshwa ; Kandi ntanicizere bagifise co kubimenyeshwa bumvise imvugo yagashinyaguro ya president Evariste Ndayishimiye.
Ikitavuzwe co, nukuzobona ibiziga (imirambo) yabo basirikare bitavye IMANA kugira ngo bazohambanwe Iteka n’imiryango yabo.
I0soko ya Rwanda tribune TV, ikaba yarashoboye kuronka amafoto yabamwe mubasirikare baguye murizo ngwano.