Mugihe abasirikare b’abarundi badasiba gupfira mungwano ibahuza n’umuhari M23 muri RDC, Président Evariste Ndayishimiye nakagwi bakorana, babandanya kurungika abana kumacuniro (gupfira) muri Congo (RDC) kunyungu ziwe.
Kuwa kane itarike 01/02/2024 hamenyekanye uwundi musirikare wumu officier yapfiriye mungwano mugihugu ca RDC, akaba azwi ku mazina ya ” Major SINDAYIHEBURA Adrien””afise akazina kubuhizi ka”RUKAMBO” avuka muri commune mugamba intara ya Bururi, afise matricule SS 2072 wo muri promotion ya 36.
Ako kagwi kagizwe n’umukuru w’igihugu katitaye kurabo bana b’Uburundi babandanya gupfa urwagashinyaguro, barungitse abandi basirikare benshi mugihugu ca RDC.
Kuwa gatatu igenekerezo rya 31/01/2024,hashitse i Goma RDC, abasirikare b’abarundi bo muri Brigade Mwaro, bazwi cane cane mugukoresha ibikoho vya kirimbuzi (artilleries ) bagenda bijaniye ibikoresho bimwe bimwe, nkaza katawusha zibiri nibikoresho zavyo.
Lance -locket na missile balistique zayo, Mortier 120 zibiri nibikoresho zavyo, nibindi bigwanisho vyinshi bikomakomeye.
Abo basirikare bagiye bajanye n’abo mw’ikambi ya Marine,ba karuhariwe mukurasa..(force spéciale).
Abo basirikare bose bashikiye i goma muri RDC, aho barindiriye abandi amajana umunani (800militaires) ,basanzwe bamaze iminsi mu myiteguro mw’ikambi ya MUTUKURA iri muntara ya cankuzo,,
Mwomenya ko abo basirikare bari bamaze iminsi mw’ikambi ya MUTUKURA banonosora ibijanya no kurasa no kugema bidasanzwe ( Force spéciale.
Bivugwa ko bose bashitse i goma muri RDC,bahabwa ubutumwa bukomeye nababarongoye bwo “”guhasha M23 nabo bose bikorana nkaza Red tabara canke uwo wese avuga ururimi rw’ikinyarwanda mugace bazoba barimwo.”
Ivyo bikaba biri mu rukurikirane rwaho abasirikare babarundi bari muri Kivu yamajepfo (Sud Kivu)baheruka guhabwa amategeko yo kugwanya abanyamulenge barongowe na colonel MAKANIKA ,n’abandi bavuga ururimi rw’ikinyarwanda murako gace, kuko ngo bakorana nimigwi y’iterabwoba nka Red tabara.
Ivyo vyose avuga,akaba ari mu ntumbero yo kubandanya arungika abana b’igihugu c’Uburundi kwicirwa mungwano mugihugu ca RDC,itabaraba,ataninyungu nimwe babifisemwo, uretse ko ari kuhahonera no gusiga imiryango yabo mumarira n’agahinda bidasanzwe biturutse ku nyungu za président Evariste ndayishimiye nakagwi kiwe bakorana.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com