I Burundi hari umunyagihugu aba muri Quartier CARAMA3 , Zone Kinama Commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yitwa NIYUKURI Alain Trésor, yanyurujwe n’abantu bataramenyekana ku igenekerezo rya 01/02/2024.
NIYUKURI Alain Trésor akaba yubatse, afise umugore n’umwana umwe,yavutse 1993.
Abiwabo baherutse ava muhira igihe c’isaha imwe n’igice zagatondo (7h30mn), agiye aho asanzwe acururiza impuzu, mucarama, ahamara akanya gato, aca aragenda ahasiga abakozi biwe.
Umuryango wiwe incuti abagenzi, abakozi, bararindiriye ko agaruka, amaso ahera mu nzira.
Mumasaha ya samoya nigice zijoro (19h30mn) baramutelefonye aritaba.
Ariko inyuma yaho bagumye bahamagara , kuva sambiri n’igice zijoro (20h30mn ) kugeza 22h igasona ntihagire uwitaba numwe.
Hashitse muma 22h30mn gushika 23h00 baratelefonye basanga irazimije.
Umuryango wiwe, incuti abagenzi bakaba bari mumwiheburo udasanzwe, inyuma yaho bagerageje kumurondera mubusho butandukanye bw’Igihugu bakamubura,
Umuryango wiwe usaba inzego zitandukanye z’igihugu ko zomufsha kugira uwabo ntagirirwe nabo.
Kuko bimenyerewe ko iyo abantu banyurujwe nkuko batogwa bapfuye canke ntibamenye irengero ryabo.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com