Umukuru w’ingabo mu Burundi, Général Prime Niyongabo, yaraye asohoye urundi rutonde rwabasirikare baraye basubiriye kurungikwa mu gihugu ca Congo (RDC), bakaba bashitseyo bose ku munsi wa gatandatu igenerekerezo 03/02/2024.
Akaba ari urwandiko yashitseko umukono igenekerezo rya 02/02/2024, rufise numéro :308/01.19.0 rw’ibatayo y’icenda division yakane 9BN TAFOC 4DIV.
Ikaba igizwe n’abasirikare amajana atandatu na cumi nabane (614 militaires Burundais).
Izoba irongowe n’intwazangabo yo kugwego rwa liyetena koloneli (Lieutenant colonel) Aaron Ndayishimiye, matricule SS 1793 wo muri batayo ya 212.
Uwo nawe akaba azwi mukunyuruza abantu benshi, bakaburirwa irengero, be no guhohotera, no kugirira ubwicanyi ndengakamere abarundi.
Abasirikare b’abarundi bazomufasha kuyobora naba bakurikira.
-Icegera ciwe azoba ari major Nzonkiza Pamphile matricule SS 1729 wo muri batayo ya 212.
-Hamwe na major Bukuru Thomas matricule SS1316 wo muri batayo ya 111.
-Major Nyabenda Jean Paul matricule Ss1114 wo muri batayo 222
-Major ndikumana Serge matricule SS 1960 wo muri batayo 422
-Major Ndayisenga Adolphe matricule SS 2215 wo muri batayo 311.
Iyo batayo y’icenda division ya kane irungitswe muri RDC kugwanya M23 , ifatanije na FARDC, Wazalendo, Nyatura n’izindi.
Iyo batayo ikaba irungitswe muri RDC, mugihe mundwi ishize, hamenyekanye urutonde rw’abasirikare benshi bapfuye, bishwe na M23, harimwo naba ofisiye babiri, ndetse imiryango yabo ikaba itarabimenyeshwa canke ngo baronke ibiziga vy’ababo ngo babahambane Iteka.
Mukaba muzi ko President Evariste Ndayishimiye yama ahakana ko nta musirikare w’Uburundi n’umwe arapfira canke ngo afatirwe muri RDC.
Ngo abo M23 yerekanye nabo mu muhari w’iterabwoba ugwanya leta y’uburundi Red tabara,we avuga ko ukorana na M23.
Imiryango y’abamaze kubura ababo canke bafashwe mpiri ikaba iri mu gahinda numubabaro bidasanzwe.
Abarundi Barasaba bashimitse President Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana ko boreka kugurisha no gushora k’umacuniro abana b’igihugu c’Uburundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com