Mu Burundi, umunywanyi w’umugambwe CNL yitwa Méthode NTIHABOSE, aba muri karatiye kajiji zone kanyosha mugisagara ca Bujumbura, yaraye atewe n’abagizi ba nabi, bataramenyekana ku rugo iwe, mw’ijoro ryo kumunsi wambere igihe ca sasita n’igice z’ijoro (00h30mn).
Méthode akaba asanzwe ari mundongozi zumugambwe CNL mugisagara ca Bujumbura.
Abo bagizi ba nabi, bagerageje kubomora inzu yiwe, bamena amadirisha, imiryango yinzu, kugira binjire kumugirira nabi,ariko ntibakundiye kuko ababanyi baciye bavyumva bakoma induru baratabaza .
Abo bagizi ba nabi, baciye biruka, kubera urusaku rw’induru.
Uwo munywanyi wa CNL, akaba yaramaze iminsi agirirwa iterabwoba, n’imbonerakure ko atavavanuye na CNL akinjira Cndd FDD, azibonerako.
Ivyo abanyagihugu bakabona ko ari urukurikirane rwa Cndd FDD, rwo gutoteza uwo wese batavuga rumwe.
Mwomenya ko ibaye incuro igira gatatu uwo muryango wa Méthode utegwa nabantu, ntibigere bamenyekana canke ngo hakorwe amatohoza.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com