Uburundi bufatanije na Congo (RDC), bariko bitegurira kubaka ikiraro c’agateganyo ku ruzi Rusizi ruhuza intara ya Cibitoke na Bukavu muri RDC.
Akaba ari umugambi w’ivyo bihugu bibiri, mu ntumbero y’uko ibintu vyose vyahora bica ku butaka bw’u Rwanda, kugira bishike muri RDC, bizohore bica i Burundi.
Bakaba bafise n’uwundi mugambi wo kubaka otorute (autoroute) izohuza u Burundi na RDC : Burundi -bukavu -Uvira-kalemi , ikazoba ari iyindi nyishu babonye.
Ivyo bakaba, babikora, kugira ngo ibintu vyose bija muri Kivu yamajepfo, ntibizosubire guca kubutaka bw’Igihugu c’u Rwanda.
Président Evariste Ndayishimiye, akaba ariko akora ivyo bikorwa, mu ntumbero yo kunezereza mugenziwe President wa RDC, kumvo z’ama dollars yamuhaye, arungitse abasirikare babarundi kugwanya M23.
Abo ba President bose, bifuza ko ico kiraro hogera mu kwezi kwa gatanu umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri na kane (2024) coba cahejeje kubakwa , kugira gitangure gukora.
Abakurikiranira hafi ibibera i Burundi, bakibaza nimba President Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana bazobishobora, na rirya amabarabara yo mu gihugu nka yose atakiri nyabagendwa(Routes Implaticables).
Aho guhera gukora amabarabara yo mugihugu hagati, aja gukora ibintu atakamaro bizomarira abarundi.
Nuwo mugambi babona kwatawo azopfa ahejeje.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com