Mu Burundi, abarimu bo mu ntara ya Makamba nka bose ntibahembwe amafaranga y’ukwezi kwa mbere 2024 (Janvier 2024). Ngo n’abayaronse basanze bakaswe amahera menshi batazi na kimwe.
Ukwezi kwa mbere (01/2024) abo bigisha bavuga ko basanze bakaswe amafaranga ku mishara yabo ari hagati ‘yibihumbi mirongo itanu (50.000fb) n’ibihumbi ijana (100.00fb).
Ivyo vyose bigakorwa abo bigisha atanakimwe bazi, eka ataninama abayobozi babo bigeze babagirisha, ngo bamenye ibigiye kubashikira.
Abarimu bo mu ntara ya Makamba bakabona ko ari ubusuma bwabayobozi babo, babizi, narirya bose bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi Cndd FDD.
Amakuru atangwa n’indongozi zimwe zimwe, avuga ko vyateguwe nabo mumugambwe Cndd FDD nabo bayobozi bamashure mu ntara.
Muri make ni ubusuma bukabije abo bigisha bariko bagirirwa,ko amategeko y’Uburundi aravuga ko umushara w’umuntu ari ntakorwako.
Bakabona ko ivyo ari akarenganyo kadasanzwe bama bakorerwa, kuko kenshi bama babatwaye amafaranga ku mishara, atansiguro bifise,ngo nuguterera mu bikorwa ibi nabiriya vya Cndd FDD.
Ubuzima bwabo barimu bukomeje kuja mu kaga kadasanzwe, na rirya basanzwe bahembwa udufaranga twintija ntikize (amafaranga adashobora kubatunga n’imiryango yabo).
Bagatakambira abajejwe gukora imishahara yabo ko batosubira kuza babakata,atamvo nimwe izwi canke batabizi.
Abavyeyi nabo bigisha bakabona ko nivyo biri mubituma akanovera mu ndero y’urwaruka isubira inyuma.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com