Mu Burundi, abanyagihugu bo muri karitiye Gikungu zone Gihosha komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura, barageramiwe bimwe bidasanzwe n’ikimanga kimaze igihe kubabomorera amazu yabo.
Ico kimanga kiraho bita ” NYENZARA” karatiye Gikungu, kikaba kiguma ciyagura kumunsi kumunsi, ku rugero rudasanzwe.
Abanyagihugu bafise amazu muriyo karitiye, bamenyesha ko hatagize igikorwa vuba na bwango iyo karitiye yose amazu ashobora kuzobomoka.
Hakaba hamaze kumenyekana inzu zirenga mirongo ibiri numunani (28 maisons) zabomotse.
Murikino gihe, beneyo bakaba batagira aho bakika umusaya, eka nivyo bahahombeye bitagira igitigiri.
Ababa muriyo karitiye, baratabaje indogozi zabo kuva hasi gushika hejuru, kubajejwe ibidukikije eka nabajejwe gukinga impanuka, ariko ntibumviwe.
Hakaba haheze imyaka irenga itandatu babimenyesheje.
Abanyagihugu bo muri karatiye Gikungu zone Gihosha, baridogera indongozi zabo, kwataco zitayeho, ahubwo barajwe ishinga ninyungu z’umugambwe uri kubutegetsi,wo wabahaye akazi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com
Ntimukigire nkutuyoya. Nimuvamgacange amahera mwubake mur de soutennement