Nizeyimana Cyprien batazira Mwembo, w’imyaka mirongo ine n’umunani (48ans) wo mumurenge wa Bweyeye mu karere ka Rusizi, yaraye akubise ishoka mu mutwe umugore wiwe ahita apfa.
Ivyo vyabaye mu gatondo ko ku wakane igenekerezo rya 08/02/2024 igihe ca 6h30.
Bikaba vyabereye mu kagari ka Kiyabo,mu Murenge wa Bweyeye, aho umugore wa Nizeyimana Cyprien afise akazina ka Mukarutabana Annonciate afise imyaka mirongo ine nibiri (42ans), yazinduka aja gutema igiti co gucana mwishamba riri muri ako gace, basangiye n’umugabo.
Umugabo yahise amusanga muri iryo shamba, umugore nawe ariruka aramuhunga , ariko nta mahirwe yagize, yaciye atemba agwa hasi,aca amwaka ya shoka yariko atemesha igiti, ayimukubita mu mutwe aca aracikana.
Uwo mugabo abonye ibibaye yaciye agira ubwoba, ahungira mu gihugu kibanyi c’Uburundi, aciye mu nzira zitemewe n’amategeko.
Yashikiye muri zone Ruhororo iri muri Komine ya Mabayi muntara ya Cibitoke, nk’uko amakuru dukesha isoko ya Rwanda tribune TV, riri murako karere ribitumenyesha.
Biravugwa ko yoba yarafashwe n’inyamiramabi (police) z’uburundi zikorera muri ako gace.
Ababanyi b’uwo muryango ko bari babanye nabi cane, kandi igihe kinini, eka n’abunzi bo muri ako gace bagerageje kubumvikanisha , ariko bibata kuwamazi.
Ayo makimbirane y’uwo muryango, aranemezwa n’Umunyamabanga nshingwa bikorwa w’umurenge wa Bweyeye Daniel NDAMYIMANA, aho amenyesha ko bari bamaze imyaka irenga ibiri mu makimbirane adasanzwe, eka batari banakibana munzu imwe.
Uwo muyobozi arongera akemeza ko uwo muryango bari basanzwe bawufise ku rutonde rw’imiryango ifise amakimbirane muri ako gace.
Kandi ubuyobozi bwari bwagerageje kubumvikanisha ariko bikananirana.
Bakaba bari babahanuye kwitura inkiko ngo zibatunganirize.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com