Mu Burundi, muri komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural, hari itozwa kunguvu ry’amafaranga ibihumbi mirongo ibiri (20.000fb) kuri buri muntu wese ataronse akanya ko kuja mubikorwa rusangi, biba ku minsi yose ya gatandatu (tous les samedi).
Iryo tozwa ku nguvu ry’amafaranga, ryibasira cane cane abafise utubari, ama ateriye (ateliers) , salon de coiffure, butike eka n’abandi bafise imirimo atandukanye..
Akarorero nako muri zone Rukaramu, aho abanyagihugu bo ku mutumba wa Kinyinya1, bashira ahabona ivyo bikorwa bigayitse vyo kubatoza amafaranga kunguvu burigihe.
Umukuru w’uwo mutumba wa Kinyinya1, Célestin Nshimirimana , wewe yabigize umugenzo wo gutoza ayo mafaranga buri wagatandatu.
Nko kuruwu wa gatandatu iginerekerezo rya 10/02/2024, yiriwe aratoza amafaranga ibihumbi mirongo ibiri (20.000fb), kuri buri munyagihugu wese wako gace arongoye ataje mubikorwa rusangi.
Ivyo vyose, abikora afatanije n’izindi mbonerakure zo murako gace n’aba polisi.
Ikinababaza, abo banyagihugu n’uko atana kitanse (quittance) yigera abaha n’umunsi warimwe, uretse ko abagirako iterabwoba ridasanzwe.
Bamwe bakabona ko ari uburyo yaronse, bwo gusahura no kwiba utwabo atacamira abo yitwa kwarongoye.
Musitanteri w’iyo komine Mutimbuzi Siméon Butoyi na gouverneur w’intara ya Bujumbura rural Désiré Nsengiyumva, barabimenyeshejwe n’abanyagihugu ariko bahisemwo kwigumira mu gacerere.
Ikindi nuko ayatoza atabanje no kuraba icatumye umuntu atitabira ivyo bikorwa, kuko hari abasiba bagwaye canke bafise impamvu zitandukanye.
Mukanamenya ko n’ivyo bikorwa atategeko na rimwe nshikiranganji rihari, ribigena nk’itegeko.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com