Mu Burundi, mu ntara ya Cibitoke cane cane muma komine ya Buganda na Rugombo, habandanya kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere.
Aho mu minsi itarenze itatu ikurikirana hishwe abantu batatu, muburyo butandukanye. Ivyo navyo bigatera ubwoba namakenga menshi mubanyagihugu bo muriyo ntara.
Uwambere akaba yishwe kumunsi w’Imana igenekerezo rya 11/02/2024, yitwa Ismail Nizigiyimana, uwo nawe akaba yishwe arashwe numu polisi w’igihugu, ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke muri komine Rugombo.
Uwa kabiri akaba yatowe yapfuye kumunsi wambere igenekerezo rya 12/02/2024 kumutumba wa Gasenyi, kwibarabara ryagatatu muri komine Buganda, nawe akaba yitwa Bucumi Justin.
Uwo nawe bikaboneka ko yapfuye acumiswe imbugita, akubiswe namahiri mumutwe no mumaso.
Uwagatatu akaba yatowe yapfuye bamuciye umutwe, ku munsi wakabiri igenekerezo rya 13/02/2023.
Akaba yatowe kumutumba nyamitanga wa komine Buganda kwibarabara rya gatatu.
Nawe akaba Yitwa Carine Ngendakumana, bikaba vyibonekeza ko yoba yishwe akaswe izosi bakoresheje umupanga.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke, bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi, kubera hama hatorwa abapfuye kenshi, kandi bagaca bahambwa gihuti huti atanamatohoza akozwe.
Ikindi kibateye ubwoba gusumba n’abarwanyi ba FLN na FDLR, bagwanya leta y’u Rwanda, eka basize bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mugihugu kibanyi 1994,baguma bidengemvya muriyo ntara.
Hakaba hari n’uruja n’uruza rw’abasirikare benshi bavanze n’imbonerakure bafise n’ibigwanisho bikomeye.
Abanyagihugu bo muntara ya Cibitoke barasaba bashimitse abayobozi b’intara ko bohagarika ubwo bw’icanyi ndengakamere bwama bukorerwa inzirakarengane.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com