Benoît Nduwayo wo muri komine ya Rugombo intara ya Cibitoke mu Burundi, akaba n’umunywanyi w’umugambwe CNL, yaranyurujwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17/02/2024 igihe c’isaha zine niminoto mirongo ibiri z’ijoro (22h20mn).
Uwo nawe akaba yari umunyamabanga w’umugambwe CNL ku mutumba wa munyika 2 wo muri komine Rugombo intara ya Cibitoke.
Bivugwa ko yafashwe, anyuruzwa n’abakozi biperereza (SNR) bo muriyo ntara, bamusanze kukazi kiwe ka minsi yose kubucuruzi bw’icayi.
Bamutwaye aboshe, bagenda bamukubita aboroga, mumodoka yibiyo bitabona ( voiture à vitre teintée) itagira n’ibiyiranga.
Gushika iyi saha tuvuga iyi nkuru, umuryango wiwe incuti abagenzi bakaba bataramenya aho Benoît Nduwayo afungiwe, bakaba baragerageje kumurondera mu busho butandukanye ariko baramubuze.
Uwo muryango,eka nabanywanyi ba CNL, barasaba bashimitse ko uwabo atokwicwa canke ngo aborezwe igufa.
Bakaba bafise ubwoba bwinshi, kuko bimenyerewe iyo umuntu anyurujwe murubwo buryo kenshi atorwa yapfuye canke akaburigwa irengero.
Mwomenya ko mundwi iheze muriyo ntara twanabashikirije urutonde rwabantu batatu bishwe muminsi itatu ikurikirana muburyo butandukanye kandi budatahuritse.
Abanyagihugu bo muntara ya Cibitoke na cane cane abatari muri Cndd FDD, batekewe n’ubwoba bwinshi kubera bahigwa buhongo n’imbonerakure zegamiye umugambwe Cndd FDD bafatanije nigipolisi igisirikare n’abajejwe igendereza (SNR).
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com