Bamwe mu mbonerakure n’abasirikare banse kugwanya M23 muri RDC, bamaze gushikayo,munyuma bagaca batahanwa i Burundi.
Bashitse bamburwa impuzu za nibikoresho vya gisirikare,baca babatwara kubafungira mubusho butandukanye bw’Igihugu.
Bakaba bamaze igihe kinini baborezwa igufa (bahohotererwa) ,kuko baciye babafata nkabansi b’igihugu c’Uburundi eka ngo boba banakorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara na M23.
Bamwe murabo basirikare nimbonerakure baratanguye kugandagurwa bivuye kwitegeko ryumukuru w’igihugu Evariste ndayishimiye na général Ildephonse Habarurema atwara iperereza kugwego rw’igihugu
Abo tumaze kumenya bagandaguwe bakuwe mugasho kiperereza mu gisagara ca Bujumbura,baja kwicirwa mugatumba komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural, baca babahamba mukinogo rusangi.
Bose bahambwe mukinogo rusangi kimwe,giherereye aho mugatumba impande yaho,bashinguye abanyamulenge bagandaguwe bunyamaswa murako gace mukwezi kwa 08/2004.
Bakaba bakuwe mugasho kiperereza nuwitwa Désiré na Albert, bafise imodoka ifise iparati D6403A,,abo nabo bakaba bakoreshwa na Général Ildephonse Habarurema mumabi ajanye no kwica no kunyuruza abantu mu Burundi.
Amazina makeyi amaze kumenyekana yabagandaguwe bunyamaswa akaba araya.
-Nteziryayo Albéric
-Audace Bukuru
-kantungeko Olivier
-Armand Ndikumana
-Mechaque
-Kabura Désiré
-Rongin Minani
-Kamatari Augustin..
Amatohoza yabo basirikare n’imbonerakure baguma bagandagurwa bunyamaswa n’ubutegetsi bwari bajejwe kubakingira ,, arabandanya,,tukaba tuzoguma tubamenyesha uko bimeze.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com