Leta y’uburundi kumurindi ukabije wo gukoresha uburozi, mu ntumbero yo kugandagura abo batavuga rumwe bucece.
Iperereza ry’u Burundi rirongowe na Général Ildephonse Habarurema hamwe na président Evariste ndayishimiye n’akagwi bakorana, bari kumurindi ukabije wo gutegura kugandagura uwo wese batavuga rumwe bakoresheje uburozi karuhariwe.
Ivyo leta y’u Burundi ikaba ibitegura mu ntumbero yo kwihora uwo wese batavuga rumwe, kandi bazi ko ashira ahabona amabi abarundi n’uburundi bwashizwemwo n’intwaro mbi ya Cndd FDD.
Ikindi n’ubukene bukabije igihugu gifise, aho bwari bwizeye ko amakungu agiye gusubira kubaha infashanyo, inyuma yo kubukurako ibihano bimwe bimwe bwari bwarafatiwe.
Ariko ayo makungu akaba atigeze abaha izo fanshanyo nkuko bari bavyiteze, navyo bikaba vyaturutse kukugene leta y’uburundi itigeze yubahiriza agateka ka zina muntu.
Ivyo vyose leta y’uburundi igaca ibona ko biva ku barundi bari mumashirahamwe y’igenga eka naba menyesha makuru bari mubuhungiro,birirwa basemerera, bavuga,bakebura abagize leta y’u Burundi.
Abo nabo kenshi basemerera basaba leta ko yoheba imigambi mibi irimwo, igashira ineza n’iterambere ry’igihugu mu burongozi bwabo, abo bavuga uko leta y’uburundi ica ibita bose abansi b’igihugu.
Hari n’abanyepolitique batavuga rumwe na leta bari m’uburundi, nk’abari muri CNL umugambwe urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa, birirwa banyuruzwa agasakisaki, eka na Rwasa nawe amaze igihe asimbuka imitego agomba kugandagurwa.
Hari n’abandi bahurikiye mu mugambwe MSD, urongowe na Alexis sinduhije ari abarizwa mubuhungiro, nabo bageramiwe na leta ya Cndd Fdd.
Mukanamenya ko uwo mugambwe MSD wafuswe mu Burundi n’intwaro ya Cndd Fdd.
Ubu leta y’u Burundi yashizemwo inguvu n’amafaranga menshi mugisata c’igendereza na cane cane mubihugu birimwo impunzi nyinshi z’abarundi nk’i burayi, Canada Amérique,no mubihugu vyo mu karere kubuseruko, mukurungukayo ubwo burozi karuhariwe, kugira bice izo mpunzi.
Hakaba hari n’umurundi yapfuye muminsi iheze murubwo buryo, kandi abikorewe nuwo barikumwe bazinanye, mugihugu kimwe tudashimye gushoka dutangaza ubu.
Akagohe ni :Gukebura abarundi bari mubuhungiro na cane cane bari mumashirahamwe y’igenga,aba nye politique batavuga rumwe na cnddfdd, abamenyesha makuru eka muri rusangi zina murundi wese azi ko yahunze intwaro mbi ya Cndd Fdd,,ko yoza yigengesera kumuntu wese bagendana, basangira, bayaga, kuko iperereza ririko ribahiga buhongo, bakoresheje, ubwo burozi karuhariwe,b akuye mubihugu vya rutura mukuronga.
Bivugwa ko ubwo burozi babukoresha ku kintu cose ushobora gukorako ugaca upfa, Ubu si bimwe baha umuntu ngo arye.
Amazina yabari kwisonga bahirwa kugira babahe ubwo burozi, nayo ntidushimye kuyashira kumugaragaro, kubera imvo zitandukanye.
Ariko turazi neza ko abariko bahirwa buhongo na leta ya Evariste ndayishimiye nakagwi bakorana basanzwe babizi kuko bamwe muribo bamaze gusimba iyo mitego incuro nyinshi cane.
Tukaba tugirako dukebura n’abandi Barundi bari mubuhungiro ko boza bitwara neza muri bino bihe, leta y’u Burundi ihagurukiye kubica bakoresheje uburozi karuhariwe binciye kuncuti n’abagenzi utokwibaza ko ico gikorwa kibi.
Icitonderwa : Ubwo bukene bukabije leta y’u Burundi irimwo, ikaba ibuterwa n’uburungozi bubi bwabo.
Kuko ntamigabo nimigambi y’iterambere na kazoza kigihugu c’u Burundi bigera bategura ; ahubwo baniganira gusahura itunga ry’igihugu n’abanyagihugu gusa.
Bamwe bagatera akamo leta y’u Burundi ko ahubwo ikwiye gushira inguvu mukorondera iterambere ryihuse kuri bose hamwe no kuganira nuwo wese batavuga rumwe kugira igihugu c’u Burundi gisubire kuba nyabagendwa.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com