Abashingamateka b’u Burundi bari baramutse batumako umushikiranganji w’umutekano Martin Niteretse, aho yaza gutanga icegeranyo c’ivyakozwe nubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2022-2024.
Umushingamateka Rwasa yabajije ministre igituma aba polisi bamaze iminsi bidoga cane ko bafashwe nabi mukazi kabo. Ivyo navyo ni nko kutagira imyambaro yakazi eka n’infungurwa zitagikwiye nk’uko bitegekanijwe.
Bivugwa ko bamwe muba polisi imyambaro yabo yacuye, abandi zatabutse kugeza aho bazishirako ibiraka. Ivyo navyo bikabatera isoni mukazi kabo eka bigatuma nabanyagihugu babatwenga.
Abo ba polise bivugira ko basigaye bafungura rimwe kumunsi kenshi, nayo icibagiwe coco ngo nukuronka akanyama bari bagenewe kabiri mundwi (manger de la viande deux fois par semaine).
Aho rero kenshi bikaba binyuruzwa nabari bajejwe kubibaha, bafatanije n’izindi ndongozi zo hejuru uwuramutse agize ico avuga agaca afungwa canke agahabwa kuja gukorera ahandi.
Martin Niteretse yishuye uwo mushingamateka, avuga ko nta mu polisi w’igihugu c’u Burundi numwe yambara impuzu zatabutse, ndetse baheruka ngo nukubaha imyambaro yakazi muri nyakanga 2023.
Ministre yashimangiye avuga ko hari numugambi wo kubaha izindi, gusa habaye ikibazo c’amafaranga yatevye kuboneka.
Arongera avuga ko umu polisi w’igihugu c’Uburundi yambara impuzu zatabutse aba ariwe yazitaburiyeko kugira ateze isoni ugwo rwego.
Avuga ko yanaheruka kugendera izo nzego z’igihugu zijejwe umutekano, akaba atanumwe yigeze amutura ivyo bibazo.
Ministre yarangije avuga ko agiye kugira amatohoza yabo bose batanze ayo makuru, bafatwe, kuko bafise intumbero yo guteza urubwa igipolisi n’igihugu c’u Burundi.