Umugambwe CNDD FDD watanguye kubaka ingoro yawo mugace ka Rusigabangazi umutumba Bumba komine Gisagara.
Umukuru w’umugambwe murako gace Zachée Cubwa, yafashe ingingo,ategeka ko urugo rwose,rwaba ururi muri cnddfdd canke rutari muruwo mugambwe,ko rutegerezwa gutanga amafaranga ibihumbi bibiri (2000fb).
Ivyo bikorwa bigayitse bikaba bishirwa mungiro nabatowe kumitumba ngo baserukire abandi, bafatanije nimbonerakure.
Abanyagihugu bo muriyo komine Gisagara intara ya cankuzo, bakaba babagirako iterabwoba ridasanzwe,bababwira ko urugo rutazotanga ayo mafaranga,ruzoshobora no kuzimanganirizwa ubuzima…..
Abanyagihugu baca bagerageza kuyarondera,bakayatanga kunguvu, kugira bashobore gukiza ubuzima bwabo..
Muzi ko bisanzwe bimenyerewe ko uwo wese atari muri cnddfdd canke adakora ivyo bavuze kenshi afatwa nkumwami w’igihugu c’Uburundi,,bikamuviramwo kwicwa,kunyuruzwa,gufungwa eka nubundi bugizi bwa nabi..
Ivyo vyose bikaba biri mubiguma bishira ubuzima bw’abarundi mubukene budasanzwe