Bamwe mumbonerakure n’abasirikare banse kuja kurwanya M23 muri RDC, bagaca baja gufungirwa mubusho butandukanye bw’Igihugu, bivuye kwitegeko ryumukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye n’uwurongoye iperereza Général Ildephonse Habarurema,,barabandanya kugandagurwa bunyamaswa mumpisho na leta y’uburundi.
Bakaba bicwa n’abakozi biperereza ry’igihugu, bagaca baja kubahamba mukinogo rusangi kiri muri Gatumba komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural..
Bakaba babahamba impande yaho bahamvye impunzi zabanyamulenge,ziciwe i Burundi murako gace mumwaka wibihumbi bibiri nakane 2004,, nkuko amakuru dukesha iradiyo yabanyagihugu RPA ibivuga..
Izindi mbonerakure zimaze kumenyekana zicwe murubwo buryo nizi zikurikira.
NDAMUHAWENIMANA Meschak avuka kumutumba wa Nyamitanga komine Buganda intara ya Cibitoke.
KAMATARI Méthode avuka kumutumba Nyarumponga komine Isare intara ya Bujumbura rural.
Izo mbonerakure zose zikaba zahora zizwi muduce zabamwo nkizivuga rikijana ko bakora ico bashatse (bari mudakorwako).
Abo rero bakaba bagandaguwe bunyamaswa kwitegeko ryumukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye hamwe na général Ildephonse Habarurema atwara iperereza ry’uburundi….
Abarundi benshi bakaba bakebura imbonerakure zose ko zovavanura ningenso mbi,zigatangura kubana neza n’abandi Barundi,,kuko cnddfdd n’ubutegetsi bw’uburundi ataneza bubifuriza uretse kabafata nkibikoresho vyabo, kunyungu zabo gusa