Buramatari w’intara ya cankuzo,Banyiyezako Boniface, ariko agira iterabwoba ridasanzwe kabarimu bakorera muntara atwara.
Nawe akivugira ko ariko ategura kwica bamwe mubigisha babakase amazosi, nkuko wenyene avyivugira kumugaragaro.
Ivyo akaba yabivugiye munama yagirishije abarimu igenekerezo rya 20/02/2024 kuri motel kabeza..
Iyo nama yayigirishije arikumwe n’abandi bayobozi muntara atwara.
Nkumuyobozi w’indero muntara hakizimana Jeanne, musitanteri wa komine cankuzo irakoze Chantal, hamwe nuwujejwe ubutungane kugwego rw’intara (procureur) Bizimana Ferdinand.
Akaba yiyemerera ko ubwo bw’icanyi ndengakamere yamaze kubutegura afashanije nabajejwe igendereza muriyo ntara ya cankuzo.
Akivugira ko no mundwi yahera,yahatswe gato kwicisha abarimu batatu, amaze no guhamagara abo mwiperereza ngo baje kubafata babakate amazosi, ariko bagira amahirwe, umugore wiwe aramubuza,baba barusimbutse uko..
Arongera ati abarimu batatu tumaze kubamenya kwaribo birigwa batanga amakuru mubimenyesha makuru butandukanye bikorera hanze y’igihugu c’Uburundi.
Abo barimu batatu nibo buramatari agiye guherako akata amazosi,babere icigwa abandi,kuko ngo nibo bari kwisonga mukumwararaza.
Mukamenya kuwo buramatari avugwa cane mukunyuruza itunga ryiyo ntara ,kurya ibiturire,no gutoteza uwo wese atari muri Cnddfdd muriyo ntara.