Hari umunyagihugu yitwa Oscar Mbinihankuye wo kumutumba musama komine mbuye intara ya Muramvya yagandaguwe bunyamaswa nimbonerakure kumunsi wambere igenekerezo rya 19/02/2024.
Uwo nawe akaba yagandaguwe bunyamaswa nizo mbonerakure zimusanze aho yariko akora imirimo yiwe ya minsi yose, arikumwe numugore wiwe..
Bakaba bamwishe bomuhora ko ari intumva,igipinga,atumvira cnddfdd, kuko ngo atitabiriye ibikorwa rusangi vyabaye kumunsi wagatandatu iginerekerezo rya 17/02/2024.
Izo mbonerakure zabanje kumwaka amafaranga ibihumbi cumi numunani ya amande ngo kubera atagiye mubikorwa rusangi vyabaye kumunsi wagatandatu ishize..
Iyo nzirakarengane yarababwiye ko atamafaranga afise,bomureka akazoyarondera,,ayaronse akazoca ayabaha.
Ariko izo mbonerakure,ntizavyemeye ahubwo zaciye zimuboha zirakubita buyoka,zica zimujugunya muruzi rwitwa Mubarazi,ruri impande yaho yariko akorera imirimo yiwe numugore.
Umugore wiwe baciye bamutegeka gutaha,kandi ntihagire nakimwe avuga,ngo yihenze akaryogora nawe bazoca bamwica.
Ababanyi baragerageje kwitura musitanteri wiyo komine, kugira abafashe bashobore no kuronka ikiziga cuwabo,ahambanwe iteka, ariko ntaco yigeze abishura.
Gushika iyi saha twandika iyi nkuru, Umuryango wiwe ukaba utararonka ikiziga cuwabo ngo bashobore kumushingura..
Nyakwigendera akaba asize umugore n’abana batandatu..
Imbonerakure yari kwisonga mubagandaguye Oscar Mbinihankuye yitwa Ndayizeye Éric