Inyuma y’uko leta y’u Burundi iguma ipfisha abasirikare benshi barungitswe muri RDC kugwanya umuhari M23,bhamaze iminsi icuka kibi mu nzego za gisirikare.
Mwibuke ko mu makuru aheruka twababwiye ihindurwa gihuti huti za bamwe bamwe mu ndongozi za gisirikare eka hamwe nitahukanwa gitaraganya rya liyetena koloneli Aaron Ndayishimiye avanywe muri RDC kugwanya M23, akaba yatwara batayo yicenda TAFOC (9BN#TAFOC).
Uwo nawe bakaba bamuhoye ko atumvira amabwirizwa yumurongozi wabo Général pontien hamwe no kurungika abasirikare kugwanya M23 atavuganye na Général pontien,hagapfa abasirikare babarundi benshi bagera mwijana.
Bamushikanye i Burundi, bamufungiye mu gasho k’iperereza mu gisagara ca Bujumbura, aho yumvirijwe numu opeji mugisirikare, bitegetswe n’uwurongoye igisirikare c’u Burundi général prime Niyongabo hamwe nuwutwara iperereza ry’uburundi général Ildephonse Habarurema.
Liyetena Koloneli Aaron Ndayishimiye, akaba yari yagiye muri RDC avuze ko azovayo atsinze M23, ndetse akayambura nuduce yafashe.
Uwo mugabo asanzwe azwi mu bwicanyi bwinshi amaze gukorera abarundi.
Akaba yariyiciye numugore wiwe mukwezi kwa 09/2021 hamwe numukozi wiwe abateye grenade.
Eka amaze no kugandagura n’abanywanyi ba CNL benshi, akarorero nakuwitwa Élie Ngomirakiza yishe mukwezi kwa 07/2021 muri komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural.
Ivyo vyose yaguma abikora,akabandanya yidegemvya, atanamatohoza agizweko, akabandanya imirimo yiwe ya gisirikare.
Ku itegeko ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana Général Ildephonse Ndikumana na général prime Niyongabo, bategetse ko avanwa mwiperereza mugisagara ca Bujumbura, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 23/02/2024 , ajanwa gihuti huti mugasho kintara ya Rumonge.
Bivugwa ko afungiwe ahantu hatabona, mukazu ka metero imwe n’igice.