Mugihe uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain Guillaume Bunyoni akomeje gufungirwa mu gasho k’intara ya Gitega, haribonekeza bamwe mu bo bari kumwe mu burongozi bw’Igihugu canke muri Cndd Fdd bifuza ko yo fungurwa.
Mu minsi iheze Bunyoni yandikiye ubutumwa bugufi président Evariste Ndayishimiye bwo kumuramutsa anamwifuriza umwaka mwiza.
Ivyo vyatumye Evariste Ndayishimiye agira ishavu, atanga itegeko ryo kuja gusaka aho afungiwe.
Bamusanganye telefone zibiri, eka basanga aguma avugana n’abategetsi bamwe bamwe nka ministre wambere liyetena Général Ndirakobuca Gervais alias Ndakugarika na Reverien Ndikuriyo atwara umugambwe Cndd Fdd.
Ivyo vyatumye Evariste Ndayishimiye, ategura gukura Reverien Ndikuriyo ku burungonzi bw’umugambwe eka na Ndirakobuca Gervais alias Ndakugarika kuba ministre wambere, ariko bimuta kuwamazi.
Ivyo vyatumye n’umugore wa Bunyoni yifatira ingingo yo kwimuka mu gisagara ca Bujumbura akaja kwibera mu ntara ya Gitega, kugira azoze araja kuraba umugabo wiwe bimworoheye.
Mundwi iheze itarike 23/02/2024 umupfasoni w’umushikiranganji wambere yazindutse aja kuramutsa mugenzi we, umugore wa Bunyoni.
Ivyo vyose président Evariste Ndayishimiye abimenye vyongeye kumushavuza cane, kuko abona ko abo bafatanije kurongora igihugu c’u Burundi bameze nk’abamuzunguruka, mbese batakimwumvira. Ivyo navyo bikaguma bizana ugwikekwe murizo ndongozi z’igihugu c’u Burundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com