Mu gitero cabaye mu Burundi ku igenekerezo rya 25/02/2024 hari imvugo zibari kuvyabaye.
Umahari Red tabara wemanze ko ariwo wakoze ico gitero ubicishije ku rubuga rwawo rwa X.
Unavuga ko wiyiciye abasirikare batandatu, ubambura n’ibigwanisho bikomeye.
Uranemanaga ko wateye ibirindiro bibiri vy’abasirikare bikorera muriyo komine ya GIHANGA intara ya BUBANZA.
Ukemeza ko wibera wabomoye n’ingoro y’Umugambwe Cndd FDD iri murako gace ka zone Buringa komine GIHANGA.
Kandi wemeza ko ugiye kubandanya ibitero mpaka leta y’uburundi yemeye ko bagiranira ibiganiro bishika kumahora yabarundi bose.
Uwo muhari Red tabara uranavuga ko atamunyagihugu wigeze wica numwe.
Kuko murivyo bice hishwe abanyagihugu babasanze ahantu ku muhana ku kigandaro babica nabi.
Bivugwa ko hishwe abanyagihugu umunani.
Abanyagihugu bo muri ako gace bamwe bavuga ko abo banyagihugu bashobora kuba bishwe n’abasirikare b’igihugu c’u Burundi babaziza ngo nibo nderetsi zabo bagwanyi baje kubatera.
Ariko leta y’u Burundi ihejeje gushora itangazo yiyamiriza ubwo bw’icanyi, ikanavuga ko hishwe abanyagihugu icenda harimwo ngo numusirikare umwe yaraje gutabara.
Leta iranemeza ibomorwa ryingoro ya Cndd FDD iri muri zone Buringa hamwe n’imodoko moto vyaturiwe.
Ubu hakaba hiriwe abasirikare nabapolisi benshi bidasanzwe bafise nibigwanisho bikomeye.
Babwira abanyagihugu bo muri zone Buringa komine GIHANGA ko basigaye bakorana nimigwi itera Uburundi,ko ngo bagiye kubakorerako.
Ubwoba ni bwinshi cane ku bigiye gukurikira narirya hari hamaze iminsi hafatwa abantu agasakisaki cane cane abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Cndd FDD.
Imiryango yaraye ibuze ababo iri mugahinda kadasanzwe, ko bari basanzwe bari mukiriyo c’uwabo, nabo baca bagandagurwa bunyamaswa babasanze mu rugo.
Abarundi benshi barasaba bashimitse président Evariste Ndayishimiye ko yogerageza akavugana nabo bose bafise ivyiyumviro butandukanye kugira ituze n’amahoro bigaruke mu Burundi.
Kuko igihugu c’u Burundi cabaye ikirimbiro ry’ubwicanyi ndengakamere hamwe n’itotezwa ryuwo wese atari muri Cndd FDD.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com